Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
UK: Umuganwa Philip yashinguwe kuri uyu wa gatandatu
Umuganwa Philip yashinguwe mu birori vyitabiriwe n'abantu bake mu gasengero ka George Mweranda (St George's Chapel) kari muri paruwase ya Windsor.
Umukuru wa paruwase ya Windsor yashimagije Umuganwa Philip ku "kungene yabereye Umwamikazi umwizigirwa adahemuka" hamwe "nivyo yakoreye igihugu".
Abari muri ivyo birori bari bambaye udupfukamunwa kandi batandukanye nk'uko amabwirizwa ngenderwako yo kurwanya Covid abitegekanya, mbere n'umwamikazi akaba yari yicaye wenyene.
Mu rugendo rwabaye imbere y'uko ibirori bitangura, abana biwe baherekeje isandugu yarimwo ikiziga ciwe, hakaba habaye umunota w'agacerere mu gihugu cose.
Isandugu yiwe yashikanywe mu gasengero ka George Mweranda kari hafi muri Land Rover yahinduwe, iyo we nyene yafashije mu kuyikora.
Umuganwakazi Anne n'umuganwa Charles bari ku murongo w'imbere inyuma y'imodoka, bagakurikirwa n'abaganwa Edward na Andrew.
Ku murongo wa gatatu, abaganwa William na Harry bari bahagatiye muvyara wabo Peter Phillips.
Abasirikare barenga 730 nibo bagiye muri ivyo birori, ariko abantu 30 bonyene nibo bari bemerewe kwinjira mu gasengero ka George Mweranda, kubera amategeko yo kuzibira coronavirus.
Umuganwa Philip yapfiriye ku kirimba ca Windsor ku wa gatanu igenekerezo rya 9 z'uku kwa kane, ku myaka 99.
Ibikoho vya muzinga vyarashwe ku bibanza icenda mu gihugu cose, hamwe no muri Gibraltar, nivyo vyuguruye vyongera birangiza umunota w'agacerere mu gihugu cose.
Mu kiringo c'iminota itandatu, nta ndege yagwa canke yaguruka ivuye ku kibuga c'indege c'i Londres Heathrow kugira bihurirane n'uwo mwanya w'agacerere, kandi n'inkino zose zikomeye vyabaye ngombwa ko zishirwa ku wundi mwanya kugira ngo ntibihave bigongana n'ibi birori.
Ibi birori vyo gushingura Umuganwa Philip vyari birongowe n'umukuru wa Paruwase ya Windsor, nayo Musenyeri mukuru wa Canterbury akaba ari yavuze igisabisho co guhezagira.
Umukuru wa Paruwase ya Windsor yashimiye Umuganwa Philip ku "bugwaneza, urukundo n'ubuntu" vyamuranze, anavuga ko ubuzima bwiwe bwabaye umuhezagiro ku Bongereza.
Mw'ijambo ryo kumusezera, yavuze ati: "Twaratewe intege n'urukundo rutagira agahonzi yeretse Umwamikazi wacu, ivyiza yakoreye igihugu na Commonwealth, ubutwari, ubwira, n'umwizero vyiwe".
Hari umurwi w'abaririmvyi bane gusa, ariko abitabiriye ivyo birori ntibaririmvye, kubera amategeko ngenderwako ya coronavirus.
Ku kirimba ca Buckingham bamenyesheje ko integuro z'urubanza zahinduwe kugira ngo bubahirize amabwirizwa ngenderwako mu bijanye n'amagara y'abantu.
Ibirori vyabereye mu kibanza c'ikirimba abanyagihugu bakaba basabwe kutarundanira muri ico kibanza canke mu bindi bibanza vy'ubwami.
Gusa ibirori vyari bishingiye ku vyipfuzo vy'umuganwa Philip kandi vyerekana uruhara yagize mu gisirikare hamwe n'ivyaranze ubuzima bwiwe bwite.