Prince Philip: Ubuzima bwiwe mu mafoto

Duke of Edinburgh, 1977
Insiguro y'isanamu, Duc wa Edinburgh yavukiye mw'izinga ry'Ubugiriki rya Corfu itariki 10 z'ukwezi kwa gatandatu mu 1921. Abo yamukako harimwo abo mu muryango w'abami bo muri Danmark, Ubudagi, Uburusiya n'Ubwongereza.
Yatangajwe
1px transparent line
Philip as a young boy

Ahavuye isanamu, Getty Images / Alamy

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Philip yari we muhungu rudende w'umuganwa Andrew w'Ubugiriki n'umwamikazi Alice b'i Battenberg.
Prince Philip of Greece, later Duke of Edinburgh, with his schoolmates at the MacJannet American school in St Cloud. The prince is the second boy from the left.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo muganwa yatanguye kwiga mu Bufaransa kw'ishure ry'abanyamerika rya Maclannet i St-Cloud , aha akaba aboneka (uwa kabiri uva i bubamfu) ari kumwe n'abo bigana. Ashikanye imyaka indwi, yaciye aja kubana n'incuti zaba i Mountbatten mu Bwongereza, aho yize mw'ishure ry'intango i Surrey.
Prince Philip at Gordonstoun aged 16

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu nyuma yagiye mw'ishure ry'uburaro rya Gordonstoun ryari ryashinzwe na Kurt Hahn, yabona kure mu vy'indero, mu buraruko bwa Ecosse, aho yari bitumwako mu kwinonora imitsi.
1px transparent line
Princess Elizabeth (third from left), with King George VI and Queen Elizabeth during a visit to the chapel at the Royal Naval College, Dartmouth, 23 July 1939

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bizwi ko aha aribwo bwa mbere umuganwakazi Elizabeth (uwa gatatu uvuye i bubamfu) n'umusirikare agwanira mu mazi umuganwa Philip w'Ubugiriki na Danmark (yambaye inkofero yera inyuma i buryo) bafotowe bari kumwe. Iyo foto yafashwe mu rugendo rwo kw'ishure ryigisha abagwanira mu mazi ryitiriwe ubwami, Royal Naval College, i Dartmouth itariki 23 z'ukwezi kw'indwi mu 1939
Duke of Edinburgh, Royal Navy, Portsmouth

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu ntambara ya kabiri y'isi yose, umuganwa Philip, nk'umuntu akiriko arimenyereza, yarabonye ivyabaye ari mu bwato bw'intambara bwa HMS . Igihe ubwato bw'intambara bw'Ubutaliyano bwategwa umutego ku nkengera y'Ubugiriki, Philip yategetse kwatsa amatara aca amurika umwansi, mu nyuma aza kuvugwa mu bagize ubutwari cane ku rugamba
1px transparent line
The engagement of Princess Elizabeth to Lieutenant Philip Mountbatten

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Urukundo rwiwe n'umwamikazi Elizabeth rwagiye ahabona mu kwezi kw'indwi mu 1947
1px transparent line
Princess Elizabeth (latterly Queen Elizabeth II) and Prince Philip, the Duke of Edinburgh, pose for their official wedding photo at Buckingham Palace, 20 November 1947

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Bubakanye itariki 20 z'ukwezi kwa cumi na rimwe
1px transparent line
The Duke of Edinburgh jumping off the water skis

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu 1951, umufotozi yafashe ifoto ya Duc wa Edinburgh asimvye ava ku runaho rwo kunyereza ku mazi ubwo yari ashikiriye plage ya Marmaris muri Turkia . Iyo foto yafashwe igihe yagaragara ubwa nyuma nk'umu komanda wa HMS Magpie.
The Duke of Edinburgh at the Roehampton Club, where he was playing for Cowdray Park in the semi-finals of the Roehampton Cup

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Uwo muganwa aboneka ngaha akina polo akinira Cowdray Park mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'igikombe ca Roehampton. Yari umwe mu bakinyi bakomeye ba polo mu Bwongereza.
1px transparent line
The Duke of Edinburgh batting during the 12 a side cricket match between the Duke of Edinburgh and the Duke of Norfolk

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Uwo mu Duc yarakunda kandi gukina urukino rwa cricket. Aha, umugwi wiwe, wari ugizwe n'abakinyi rurangiranwa b'abongereza, wariko urahura n'uwari urongowe na Duc wa Norfolk, bari kumwe n'abakinyi b'i Sussex.
The Queen and Philip and their four children
Insiguro y'isanamu, Duc n'umuganwakazi bari bafise abana bane (kuva i bubamfu) Edward, Andrew, Anne na Charles, kuri iyo foto yo mu 1960.
Queen Elizabeth II and the Duke of Edinburgh during a visit to a farm on their Balmoral estate, to celebrate their Silver Wedding anniversary

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, .Aha baboneka bagiye kuraba iraro kw'itongo ryabo rya Balmoral, bigina imyaka 25 bari bamaze bubakanye.
The Queen and the Duke of Edinburgh, both wearing Maori Kahu-Kiwi (Kiwi feather cloaks) at Rugby Park in Gisborne, on the North Island of New Zealand when they attended the opening of the Royal New Zealand Polynesian Festival as their Silver Jubilee Tour continues

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu 1977, uwo muganwa yaraherekeje umwamikazi aho yariko arigina imyaka 25 amaze ari umwamikazi. Bagaragara ngaho bompi bambaye Maori Kahu-Kiwi (ikoti zikozwe mu moya ya Kiwi) muri Rugby Park i Gisborne, mu buraruko bw'amazinga ya Nouvelle Zelande, igihe bitaba ibirori vyo kwugurura festival ya Royal Zealand Polynesia mu kwezi kwa kabiri
Queen Elizabeth II and the Duke of Edinburgh wave as Concorde flies by the Royal Yacht Britannia as the royal couple neared Barbados

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu nyuma muri uwo mwaka umwami n'umwamikazi barashize amaboko hejuru igihe Concorde yari irenganye ubwato bwa Royal Yacht Britannia igihe bari hafi ya Barbados
The Union flag-draped coffin of Lord Mountbatten rests on a catafalque during the funeral service in Westminster Abbey. Royal mourners (l/r) Queen Elizabeth II, her husband The Duke of Edinburgh, Queen Elizabeth The Queen Mother and the Prince of Wales, 5 September 1979

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi k'umunani mu 1979, muvyara w'umwamikazi, Louis Mountbatten, yarishwe na bombe ya IRA ari mu bwato bwiwe muri Irlande. Duc wa Edinburgh yaciye asubira mu Bwongereza ahejeje kwumva iyo nkuru, avuye aho yari yagiye mw'ihiganwa ry'ibitwazi vy'amafarasi i Normandie, mu buraruko bw'Ubufaransa
Duke of Edinburgh sitting atop an elephant while visiting the Kanha Game Reserve, 1983

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Ibidukikije no kubikingira biri mu bintu Duc wa Edinburgh yakunda cane , vyabonetse nk'ivyategerezwa gushika gutorwa kuba umukuru w'ikigega c'isi citaho ibikoko (World Wildlife Fund).
The Prince of Wales with the Princess of Wales, baby Prince Harry, Prince William, the Duke of Edinburgh, Prince Edward, Queen Elizabeth II and Princess Anne on the balcony of Buckingham Palace, London to watch the fly past

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu 1985, Duc wa Edinburgh ahagatiwe n'umuryango wiwe, harimwo abaganwa William na Harry bakiri bato, bakoranye ngo barorere defile y'indege hejuru y'ikirimba ca Buckingham ku munsi mukuru wa Trooping the Colour
South African President Nelson Mandela, accompanied by the Duke of Edinburgh

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Mu 1996, Duc aherekeje prezida wa Afrika y'epfo Nelson Mandela agira agenzure ingabo z'icubahiro ku musi wa mbere w'urugendo rwiwe mu Bwongereza.
Queen Elizabeth II (right) and the Duke of Edinburgh (centre right) visit market stalls in Kingston town centre, during the Queen's Golden Jubilee visit to West London

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Umuganwa Philip yashigikiye umwamikazi imyaka irenga 60 amaze ku ngoma, harimwo n'birori vy'isabukuru y'imyaka 50 yahimbaje mu 2002.
The Duke of Edinburgh attends the Presentation Receptions for The Duke of Edinburgh Gold Award holders, at the Palace of Holyroodhouse in Edinburgh, 2010

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Uwo muganwa yarashizeho agahembo kitiriwe Duc wa Edinburgh gafise intumbero yo gutera intege ubushobozi bw'urwaruka mu 1956. Aha yariko aratera inkuru n'abamaze gutwara ako gashimwe i Holyroodhouse mu mwaka wa 2010.
The Duke Edinburgh competes at the Sandringham Country show Horse Driving Trials held on the Norfolk Estate

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Duc yagumye yitaba amahiganwa mu kwinonora imitsi n'igihe yari ashaje, nko ngaha mw'ihiganwa ryo kunyonga ibitwazi ryariko rirabera i Standringham mu 2005
Britain's Prince William kisses his wife Kate, Duchess of Cambridge, on the balcony of Buckingham Palace, after the wedding service, in London, 29 April 2011

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi n'ibihumbi bakoraniye ku kirimba ca Buckingham kugira baramutse umuryango w'ubwami inyuma y'ubugeni bw'umwuzukuru w'umuganwa Philip, umuganwa William na Catherine Middleton mu 2011.
Prince Philip, Duke of Edinburgh, waves as he stand onboard the Spirit of Chartwell during the Thames Diamond Jubilee Pageant

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inyuma y'amezi 12, Umuganwa yasa n'uwufise amagara meza igihe yari aherekeje Umwamikazi mu bwato bw'i bwami, Spirit of Chartwell, bwari muri defile yo mu mazi y'ibirori vy'isabukuru rya Diamant vyaguyemwo imvura , hari itariki 3 ukwezi kwa gatandatu mu 2012. We be n'umwamikazi bamaze hafi iminota 80 yose bahagaze baherekejwe n'ubwato 1000 mu rugendo rw'ibirometero birenga 11 mu ruzi Thames kuva gushika Tower Bridge. Ariko mu nyuma yaciye yinjiza ibitaro afise ingwara y'agasaho k'umukoyo imbere y'uko hahimbazwa isabukuru y'imyaka 75 itariki 4 z'ukwezi kwa gatandatu.
Princess Anne attends equestrian eventing with Prince Phillip the Duke of Edinburgh,

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amaze gukira, yari ameze neza bikwiye gushika aho yashoboye guherekeza umuganwakazi Anne kurorera umugwi w'Ubwongereza wo gutwara amafarasi , warimwo n'umwuzukuru wiwe Zara Philips, wariko urahiganwa mu nkino za Olympic zo mu 2012 zabereye i Londres.
1px transparent line
Queen Elizabeth II and the Duke of Edinburgh as they attend a service at Westminster Abbey in central London to mark the 60th anniversary of the Queen's coronation

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa gatandatu mu 2013, uwo mu Duc yaragiye gusenga mw'isengero rya Westminster mu guhimbaza imyaka 60 yari irangiye umwamikazi ashikiriye ayo mabanga.
Signing the visitors book at Hillsborough Castle, Belfast

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mu 2014, yaraherekeje umwamikazi mu rugendo muri Irlande y'uburaruko. Aha yafashwe ifoto ariko arashira umukono wiwe mu gitabo c'abashitsi i Hillsborough Castle, ku mugwa mukuri Belfast.
Lighting beacon at Windsor Castle

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi Elizabeth II aherekejwe na Duc wa Edinburgh yarakije uumuri rwa mbere muzirenga 200 mu guhimbaza imyaka 70 iheze habonetse intsinzi ku kirimba ca Windsor.
The Duke of Edinburgh (left) and the Prince of Wales, during a visit to Poundbury, a new urban development on the edge of Dorchester, October 2016

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Umuganwa n'umuhungu wiwe Charles bari kumwe mu rugendo i Poundbury, ahantu hagati mu gihugu hateye imbere ku nkengera ya Dorchester, aho umwamikazi yerekanye igishusho c'umwamikazi amuvyara.
Queen Elizabeth II and the Duke of Edinburgh with an elephant at ZSL Whipsnade Zoo, where they officially opened the zoo's new Centre for Elephant Care as part of a visit to Bedfordshire

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa kane 2017, Duc yaherekeje umupfasoni wiwe kwugurura ikigo gishasha co kwitaho inzovu mu ruhongore kama rwa XZSL Whipsnade i Bedfordshire. Ariko mu kwezi kwa gatanu, yamenyesheje ko akuye meza mu bikorwa vyose yakora, yarai afise imyaka 95.
Queen Elizabeth II and the Duke of Edinburgh observing a minute's silence at the start of a garden party at Buckingham Palace in London, 23 May 2017

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Ari kumwe n'umwamikazi, Duc yaragize umunota w'agacerere mu ntango y'umusi mukuru wabereye ku kirimba ca Buckingham itariki 23 z'ukwezi kwa gatanu mu 2017 mu kwibuka abiciwe mu giteramo ca Ariana Grande i Manchester.
The Duke of Edinburgh during a visit to the headquarters of the Royal Auxiliary Air Force's (RAuxAF) 603 Squadron in Edinburgh

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Uwo mu Duc abaye umugabo w'umwamikazi wa mbere aramvye cane muri kahise k'Ubwongereza

All photographs subject to copyright.