Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwujejwe ibivuko muri Tanzaniya akekwa kunyuruza ayarenga imiriyaridi 3 z'amashiringi
Umuyobozi mukuru w'urwego rujejwe ibivuko muri Tanzaniya (TPA), Deusdedit Kakoko, ari mu minwe y'abapolisi akekwa kunyonyeza amahera imiriyaridi 3,6 z'amashiringi ya Tanzaniya, canke umuriyoni $1,5 vy'amadolari ya Amerika.
Ibiro bijejwe kurwanya no gukumira igiturire, PCCB, nivyo vyemeje ko Bwana Kakoko yafashwe nyuma y'umunsi umwe ahagaritswe mu mabanga n'umukuru w'igihugu Samia Suluhu.
Umukuru wa PCCB, Brigadier John Mbungo, yemeje ko uwo mugabowe yafashwe mw'ijoro ryo kuwa mbere.
Nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru cigenga Mwanainchi, uwo yahoze arongoye TPA yafatiwe i Morogo mu buseruko bwa Tanzaniya.
Ku tariki 28 z'ukwa gatatu, Umukuru w'igihugu mushasha Samia Suluhu yatangaje ko ahagaritse mu mabanga Deusdedit Kakoko, nyuma yo kuronswa icegeranyo c'umugenduzi mukuru, c'ikiringo ca 2019/20.
Madamu Suluhu yavuze ko atewe impungenge n'uko ubuyobozi bw'ibivuko buterekanye ahagiye amahera ashika umuriyoni 1,8 y'amadolari (hafi amashiringi imiriyaridi 4).
Prezida Samia yaciye ategeka ibiro PCCB gutanguza itohoza ryihutirwa ryo kumenya aho ayo mafaranga yagiye, nyuma y'ivyatangwajwe mu cegeranyo c'umugenduzi mukuru.