Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yemen-Intambara: Benshi bahobora kuba baguye mu muriro wadutse mu kigo c'abimukira
Abantu benshi bashobora kuba baguye mu muriro wadutse mu kigo c'abimukira ku murwa mukuru wa Yemen, Sanaa ku wa mungu.
Urwego ruraba abimukira OIM/IOM rwemeje abantu 8 bapfuye, ariko hari abo muri iryo shami rya ONU bavuga ko abashika 30 bashobora kuba bapfuye.
Ntiharamenyekana icatumye uwo muriro waduka muri ico kigo carimwo na cane cane abimukira baturuka muri Ethiopia.
Ariko igitero c'indege c'urunani rurongowe na Arabia Saudite rugwanywa inyeshamba z'aba Houthi carononye amazu ari hafi.
Urwo runani rwagavye ivyo bitero kuri Sanaa aho aba Houthi bagabiye ibitero vy'ama drone n'ibisasu vya misile ku bisagara n'ivyuma vyo kwimbura ibitoro muri Arabia Saudite.
Yemen yarashegeshwe n'intanbara yakomeye cane mu 2015, igihe aba Houthi bashigikiwe na Iran bafata igice kini c'igihugu hanyuma urwo runani rurongowe na Arabia Saudite rugatanguza ibitero vyo kugaruza ubutegetsi bwa reta.
ONU ivuga kom iyo ntambara yateye akaga katari bwigere kaboneka aho imaze guhitana abantu 233.000 harimwo 131.000 bahitanywe n'ingaruka z'iyo ntambara nko kubura ivyo kurya, kuvurwa n'ibikorwa remezo.
Umuyobozi wa OIM mu karere Carmela Godeu yavuze ko mu bapfuye harimwo abimukira n'ababacunga. Abakozi b'iryo shami bariko baraha ubuvuzi bwihuta abantu bashika 170 bakomeretse, muri bo nibura 90 bakaba bababaye cane.
Madame Godeu yavuze ati: ''Icateye uwu muriro ntikiramenyekana, ariko iki ni kimwe mu bintu bikomeje kugeranira abimukira muri iyi myaka itandatu iheze Yemen kiri mu ntambara."
Mw'itangazo, abategetsi b'aba Houthi bavuze ko OIM na ONU aribo bonyene bobazwa ivyerekeye uwo muriro, babagiriza kunanirwa no guha abimukira aho baba no kudafasha mu kubazusubiza iyo baje bava. Muri ivyo nta na kimwe kiri mu nshingano za OIM.
N'ubwo hari intambara muri Yemen, abantu ibihumbi n'ibihumbi b'abimukira - cane cane bavuye mw'ihembe rya Africa, bagumna bagerageza guca muri ico gihugu buri mwaka bizigiye kuronka akazi muri Arabia Saudite. Ariko imbibe zirugaye, gutyo abo bimukira bagaca baguma ngaho.
Ku ndwi iheze OIM yavuze ko nibura abantu 20 basomye nturi inyuma yaho abajabukana abantu mu kinyegero batereye abimukira 80 mu mazi mu gihe co kujabuka hagati ya Djibouti na Yemen.