Twagiramungu ati: 'Abandika ko ngomba gusubira mu Rwanda ni abatindi'

Yatangajwe

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda, Faustin Twagiramungu, ariyamiriza abandika ku rubuga rwa Twitter kw'izina ryiwe, akavuga ko ababikora bafise ivyabo bashaka gushikako.

Avugana na BBC, Bwana Twagiramungu avuga ati: "Abanditse ibi kw'izina ryanjye bagomba gusetsa Abanyarwanda, cangwa n'ukunsetsa nanjye, ntabwo ndabitekereza".

Kuva ku wa gatandatu, imbuga hwaniro ziriko zirakwiragiza ubutumwa buciye kuri Twitter bwerekana ko bwanditswe na Faustin Twagiramungu, buvuga ko yiyamirije abafovya bakanahakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda, ko agiye gutaha, kandi ko yiyamirije BBC Gahuzamiryango.

Faustin Twagiramungu ni umwe mu banyaporitike b'u Rwanda basanzwe baba mu mahanga banenga cane ubutegetsi bwa Perezida Paul Kagame.

Bwana Twagiramungu avuga ko abantu bandika aya ma 'tweets' kw'izina ryiwe ari abashaka kumucecekesha kubera ahanini atumvikana n'ubutegetsi ku bibazo bimwe na bimwe, cane cane ku kibazo ca jenoside kivugwa muri izi 'tweets'.

Ati: "Abavyandika bafise ivyo bashaka kushikako cane cane nk'ibi vy'abavuga ngo bafovya jenoside, ngo nshaka gutaha mu Rwanda n'ibindi".

BBC imubajije nimba ata mugambi afise wo gutaha mu Rwanda, Bwana Twagiramungu asigura ko yigeze gusubira mu gihugu mu 2003, araniyamamaza mu matora, ariko mu nyuma y'aho arahigwa, bamwe mu bajejwe umutekano bakamuburira bati 'n'utagenda aha hantu ushobora kuhagirira ingorane'.

Ati: "Ubwo nafashe indege biba ngombwa ko nsubira mu buhungiro. Ubu rero sinumva ikintu cotuma nsubira mu Rwanda".

"Abandika ko ngomba gusubira mu Rwanda ni abatindi batazi n'amateka y'igihugu cacu; ntibazi ivyo twaciyemwo, ntibazi abo twabuze, bashaka kwama badutyekeza".

Ati: "Sinshobora kwemera kuja mu Rwanda gutyo, sinshobora kwemera jenoside y'abatutsi gusa, ivyo nabihakanye kuva kera".

Avuga ko Perezida Kagame w'u Rwanda we nyene ubwiwe atamukeneye mu Rwanda nk'Umunyarwanda, ko ahubwo amufata nk'umunyamahanga.

Bwana Twagiramungu avuga ko ivyanditswe bitamutangaza kuko ngo ni ibintu basanzwe bakora kugira bamucafuze imbere y'Abanyarwanda. Avuga ko bubaye ubugira kabiri bandika ibintu nk'ibi.

Nayo mu gushiramwo BBC Gahuzamiryango, Bwana Twagiramungu avuga ko ata migenderanire yigeze agiriranira n'iki kinyamakuru, uretse rimwe na rimwe kwitaba ibiganiro iyo imukeneye, kandi ko azokwama ayitaba igihe cose izomukenera.

BBC imubajije ico avuga kuri jenoside, Bwana Twagiramungu avuga ko mu Rwanda habaye jenoside y'Abanyarwanda, ariko ko atari mubo avuga ko bayikoresha ku nyungu zabo.

Ati: "Iyi jenoside ntabwo ndi mu bayicuruza. Jenoside ni ikibazo c'Abanyarwanda twese, si ikibazo c'ubwoko bumwe bw'abatutsi gusa. Jenoside abayizi ni Abanyarwanda b'Abahutu n'Abatutsi bari mu Rwanda".

Faustin Twagiramungu yari umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Juvénal Habyarimana mu myaka ya 1990.

Igihe umuhari w'inkontanyi FPR ufatiye ubutegetsi mu kw'indwi 1994, Bwana Twagiramungu yaciye aba umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda muri reta yashizweho na FPR/RPF gushika ku wa 28 z'ukwa munani 1995 aho atangiye imihoho. Yashoboye guhunga mu mpera z'uwo mwaka nyene.

Amatora yo mu 2003 arangiye, Twagiramungu yaciye asubira guhungira mu Bubiligi atinya ko ahagarikwa. Gushika n'ubu ntarigera asubira mu Rwanda.