SA: Urwego rw'igendereza rwagirizwa gukoresha za miriyoni nyinshi mu gukingira ubunyonyezi bwa Zuma

Yatangajwe

Igisata kijejwe igendereza muri Afrika y'Epfo cagirizwa ko cakoresheje za miriyoni ziharurwa mu majana mu bikorwa vyo mu kinyegero biteye kubiri n'amategeko kirondera gukingira uwahoze ari umukuru w'igihugu, Jacob Zuma, ku birego vyo kurya ibiturire

Mu birego inderetsi zahaye umurwi ujejwe amatohoza ku bijanye no kurya ibiturire, harimwo kugerageza kugura abacamanza hamwe n'ibinyamakuru.

Ni ibirego bitangaje cane.

Inderetsi zibiri hamwe n'ibindi vyabona, bararerekana neza ingene habaye ugushaka guhindura ikigo kijejwe igendereza muri Afrika y'Epfo ngo kibe nk'ikintu gisa n'umurwi w'umuntu ujejwe gukingira Perezida Zuma.

Mu myaka cumi yamaze ku butegetsi, Zuma yaragirijwe, kandi n'ubu abandanya yagirizwa kurya ibiturire.

Itohoza rirongowe n'umucamanza ririko ryerekana urugero rw'ingene Zuma yakoresheje inzego z'igihugu kugira ngo zimukingire mu gihe yari akiri ku butegetsi.

Ivyabona birerekana ingene amafaranga atagira uko angana yibwe mu rwego rujejwe igendereza agaherezwa incuti za Zuma.

Birerekana kandi ingene ibinyamakuru vyahabwa amafaranga kugira ngo mu makuru yavyo bihengekereze kuri Perezida Zuma.

Ibi vyabona kandi bisigura ko inzego zijejwe ubutungane zacengeterewe, birerekana kandi n'ingene abakozi b'iki gisata bakoreshwa mu bikorwa vya poritike n'imigabwe.

Zuma abandanya yiyamiriza ivyo yagirizwa. Ariko aherutse kwanka kwitaba imbere y'umurwi ujejwe gukora amatohoza kuri ibi birego vy'ibiturire ngo yisigure ku vyo yagirizwa - ingendo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ivuga ko iteye kubiri n'amategeko.