Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibitigiri vy'abandura Covid vyiyongereye mw'ikambi ya gisirikare y'Abongereza muri Kenya
Igisirikare c'Ubwongereza kivuga ko abasirikare bose bashitse muri iyo kambi iri ahitwa Nanyuki mu kwezi guheze bataramuwe.
Umuvugizi wa gisirikare avuga ko abasirikare 320 gushika ubu ari bo bamaze gutaramurwa.
Umukozi w'umunya Kenya asanzwe akora muri iyo kambi yabwiye BBC ko babwiwe ko boguma muhira mu mpera z'indwi iheze inyuma y'aho habonekeye abanduye muri iyo kambi.
Avuga kandi ko ata bakozi b'abanya Kenya babonanye n'abo basirikare bashasha bari binjiye bavuye mu Bwongereza, ariko ko hari bamwe mu basanzwe bari muri ako karere bahawe akazi k'igihe gito.
Igisirikare kivuga ko ibikorwa vyose bikorerwa muri iyo kambi bitegerezwa gukorwa hisunzwe ingingo ruhasha zo kwirinda Covid.
Abo bakozi bafise amakenga menshi ko abanyagihugu baba muri ako karere ko mu buraruko bwa Nairobi bashobora kubinuba inyuma y'aho bamenyeye ko iki kiza kiri muri iyo kambi.
Mu mwaka uheze, iyi kambi y'igisirikare c'Ubwongereza muri Kenya yari yugawe mu kiringo c'amezi atatu inyuma y'aho hadukiye iki kiza karanda kw'isi, ikaba yari yasubiye kwugururwa mu kwezi guheze.
Abakozi barahumurizwa ko bazoronswa agashahara kabo.Igitigiri c'abandura Covid-19 mw'ikambi ya gisirikare y'Abongereza iri muri Kenya ciyongereye kuva kuri bane gushika kuri 11, abegereye iyo kambi bakaba bafise ubwoba ko ishobora kurandaranda muri bo.