Israel: Netanyahu yitavye sentare yagirizwa kurya igiturire

Benjamin Netanyahu muri sentare (08/01/21)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Netanyahu yagumye ahakana yivuye inyuma ko ata caha yakoze
Yatangajwe

Muri sentare, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yahakanye ivyaha vyo kurya ibiturire ubwa mbere, igihe urubanza rwasubira gutangura i Jerusalem.

Netanyahu yisiguye mu rubanza rwari rwungururijwe kuri uyu musi bivuye ku kiza ca coronavirus.

Abaye umushikiranganji wa mbere akiri mu mabanga yiwe yitavye ubutungane, mu rubanza rubaye ukwezi kumwe gusa imbere y'uko haba amatora.

Netanyahu w'imyaka 71 yagirizwa kurya ibiturire, ubusuma no gutakaza icizere mu vyaha bitatu bitandukanye.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bakoraniye imbere ya sentare y'akarere imbere y'uko Netanyahu aboneka akanya gato ku wa mbere mu gitondo, bavuza induru, bashira n'ibitambara hejuru bamuhamagarira gutanga imihoho.

Abatavuga rumwe na Netanyahu bariko bagira imyiyerekano imbere ya sentare yo mu karere ka Jerusalem (08/02/21)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abatavuga rumwe na Netanyahu bariko bagira imyiyerekano imbere ya sentare

Netanyahu yahamagariye abamushigikiye kutaza kuri sentare kubera ikiza ca coronavirus.

Uwo mushikiranganji wa mbere yaje muri sentare yambaye agapfukabunwa kirabura. Muri sentare yahagurutse ahakana ivyo yagirizwa imbere y'uko agenda inyuma y'iminota 45, asiga abamuburanira bariko barabandanya impari.

Benjamin Netanyahu yagirizwa iki?

Netanyahu yagirizwa ivyaha bitatu bizwi nka 1.000, 2.000 na 4.000:

  • 1000 - Ubusuma no gutakaza icizere: Yagirizwa kwakira utuganuke - cane cane amatabi azimvye (cigars) n'amacupa ya 'champagne' - ahawe n'abagwizatunga mu kuborohereza mu vyo amasoko.
  • 2000 - Ubusuma no gutakaza icizere: Netanyahu yagirizwa ko yemeye gufasha ikinyamakuru co muri Israel ca Yediot Ahronot gushika mu bibanza vyinshi mu gihe comwandikako ibintu vyiza.
  • 4.000 - Ibiturire, ubusuma no gutakaza icizere: Nk'umushikiranganji wa mbere akaba n'umushikiranganji wo kumenyeshamakuru igihe bavuga ivyo vyaha vyakorewe, Netanyahu yagirizwa gushigikira ingingo z'ishirahamwe ryiganje muri ico gihugu rya Bezeq, Shaul Elovitch na bo bagaca bamushimagiza ku mbuga ngurukanabumenyi za Walla de M. Elovitch