Dar es Salaam: Kwinonora imitsi birabujijwe ku misi yo gusenga

Marathon

Ahavuye isanamu, Scolar Kisanga

Yatangajwe

Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, Lazaro Mambosasa avuga ko kuva ubu, kizira ko abantu bagira imyiyerekano canke kwinonora imitsi ku misi hategekanijwe amasengesho, ko igipolisi kitazotanga impusha kuri iyo misi.

Mambosasa avuga ko kugira imyiyerekano ku misi yo gusenga bituma abasenga bacererwa gushika ahabera amasengesho.

"Ku misi yo gusenga, ntituzemera abaca muri izo nzira mu kubima uruhusha, nta mugwi n'umwe urekuriwe guca muri ivyo bibanza, abaja gusenga i Dar Es Salaam bagenda n'imodoka, rero urekuriye abagira imyimeneyerezo mu mabarabara canke abagira imyiyerekano iyo ari yo yose, bituma amabarabara yugarwa, kandi amasengesho ajana n'umwanya."

Yongeyeko ko imisi yo gusenga ari ku wa gatanu, ku wa gatandatu no ku wa mungu.

Muri iyi myaka ya vuba, abantu benshi basigaye binonora imitsi mu mabarabara mu gisagara ca Dar Es Salaam.

Ukwinonora imitsi bitegurwa n'amashirahamwe atandukanye ariko rimwe na rimwe bafise ihangiro ryo gufasha abantu bafise ingorane bari mu turere dutandukanye.

Uko kwinonora imitsi kenshi kuba mu mpera z'iyinga kugira haboneke abantu benshi bavyitaba kuko baba bari mu karuhuko.