Centrafrique: Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bivumbuye mu matora y’abashingamateka

Faustin-Archange Touadéra yatsinze amatora aheruka yabayemwo impari nyinshi, ivyatumye igihugu kija mu ruhagarara

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Faustin-Archange Touadéra yatsinze amatora aheruka yabayemwo impari nyinshi, ivyatumye igihugu kija mu ruhagarara
Yatangajwe

Urunani rw'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi muri Centrafrique (RCA/CAR) rwivumbuye mu matora y'abashingamateka bavuga ko arimwo amanyanga.

Ibi bibaye haciye umusi umwe sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yanse gufuta ivyavuye mu matora ya mbere avugwa ko yabayemwo ubusuma.

Ibintu bimeze nabi cane muri Centrafrique mu gihe inyeshamba zitemera irindi torwa rya Perezida Faustin-Archange Touadéra zibandanya zisugereza umugwa mukuru, Bangui.

Reta yagiriza uwahoze ari umukuru w'ico gihugu François Bozizé ko yifatanije n'inyeshamba zirondera gusenyura ubutegetsi bwiwe.

Yarankiwe gusubira kwitoza inyuma y'aho yagirijwe ivyaha vy''ubwicanyi, ukuboreza igufa abantu hamwe n'ibindi vyaha.

Bibiri vya bitatu (2/3) vy'igihugu cose biri mu minwe y'inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Perezida Touadéra.

Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu barenga 200, 000 ari bo bamaze guta izabo mu gihe kidashika amezi abiri.