Japan: Umugore 'yanyegeje ikiziga ca nyina wiwe mu cuma gikanyisha mu myaka cumi'

Yatangajwe

Igiporisi co mu Buyapani cahagaritse umugore inyuma y'aho gitoye ikiziga ca nyina wiwe mu nzu yabamwo yakinyegeje mu cuma gikanyisha.

Yumi Yoshino w'imyaka 48 avuga ko yabonye nyina wiwe apfuye aca anyegeza ikiziga ciwe mu myaka cumi iheze.

Ibinyamakuru vyo mu Buyapani bisubiramwo umuporisi atavuzwe izina aho avuga ko uyu mugore yakoze ibi kubera "atashaka kuva muri iyi nzu bari basangiye" mu gisgara ca Tokyo.

Igiporisi kivuga ko iki kiziga cari gikanye cane ariko ata bikomere vyakibonekako.

Abategetsi bavuga ko batashoboye kumenya igihe uyu mugore yapfiriye n'icamwishe.

Bivugwa ko iki kiziga cabonywe n'umukozi yariko arakubura inyuma y'aho umupfasoni Yoshino yirukaniwe muri iyi nzu kubera yabuze amahera yo gupanga.

Igiporisi kivuga kandi ko iki kiziga cabanje kugondwa kugira ngo gishobore gukwira muri iki cuma gikanyisha.

Umupfasoni Yoshino yahagaritswe ari mw'ihoteri iri mu gisagara citwa Chiba hafi y'umugwa mukuru Tokyo ejo ku wa gatanu.