Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Boeing 737 Max yemerewe gusubira mu kirere i Buraya inyuma y'impanuka
Indege ya Boeing 737 Max ubu nta bwoba bwo kuyigendamo kandi I Buraya, nk'uko bivugwa n'urwego rwa Buraya rugenzura ivy'indege (EASA).
Iyo ngino ishitse inyuma y'amazi 22 iyo ndege yari imaze itava hasi biturutse ku mpanuka zibiri zahitanye abantu 346.
Iyo ndege yari imaze kurekurirwa gusubira kuguruka muri Amerika no muri Brezil .
Muri iyi ndwi ariko umwe mu bahoze ari abategetsi mu ruganda rwa Boeing737 i Seattle yabwiye BBC ko gusubira kuyemerera kwabaye hataragera.
Ariko abagendura indege muri Amerika n'i Buraya bemeza ko isuzuma ryabo ryaravye vyose, ko none ubu Boeing 737 Max ikwije ibikenewe kugira abantu bayigenderemwo.
Umukuru wa EASA Patrick Ky yagize ati: "Turafise ibitwemeza ko iyo ndege ikwije ibikenewe, kiba arinaco kintu c'ibanze kugira tuyemerere''.
''Ariko tuzobandanya dukirikirana ingene Boeing 737 Max ikora mu gihe yasubiye kugira ingendo''.
Hamwe n'ivyo, bivuye ko twabisavye dushimitse, Boeing yemeye gukora kugirango ishire akabirya kuri iyo ndege mu kiringo kitari ica kure cane kugira irushirizeho kuba ntamakemwa.''
Urwego ry'Ubwomgereza ruraba indege zisanzwe rwitezwe gutangaza umwanya uwariwo wose niba rwemereye iyo ndege gusubira kuguruka.
Ibibazo vy'ubuhinga
Impanuka ya mbere ya 737 Max yabaye mu kwezi kwa cumi mu 2018 igihe indege ya Lion Air yakorokera mw'ibahari iva muri Indonesia.
Iyindi mpanuka yagizwe n'indege ya Ethiopian Airlines nayo yakorotse haheze akanya ihagurutse ku kibuga ca Addis Abbaba haheze amezi makeya.
Izo mpanuka zompi zegetswe ku buhinga bufasha aba derevera gutwara indege bwahindukiza indege mu gihe kitarico bugatuma icurama ubutakivayo.