Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibivugwa mu mupira w'amaguru i Buraya ku wa gatatu itariki 27.02.2021: Di Maria, Upamecano, Garcia, Zirkzee, Tarkowski, Benteke
Umugwi wa Tottenham uramaze kuvugana n'umukinyi wo hagati wa PSG na Argentine Angel di Maria kugira aze gukinira uwo mugwi. Uwo mukinyi yahoze muri Man United w'imyaka 32 ashobora kwimukira mu wundi mugwi ata gisabwe muri uyu mwaka. (L'Equipe via Talksport)
Umugwi wa PSG urizeye kugura umukinyi wo hagati wa Tottenham n'Ubwongereza Dele Alli, 24, kw'ideni mu kiringo gisigaye c'uyu mwaka. Tottenham na yo iriko iriyumvira kuzana umukinyi wa Borussia Monchengladbach n'Ubudagi Florian Neuhaus,23, kugira ace asubira mu kibanza ciwe. (Mirror)
Tottenham kandi irashirwa mu majwi ko ishaka kuzana umukinyi w'inyuma wa Naple na Serbia Nikola Maksimovic, 29, amasezerano yiwe azorangirana n'uyu mwaka. (Spazio Napoli via Sport Witness)
Biravugwa ko Thomas Tuchel agiye guhita aja ku kivi muri iyi misi iri imbere nk'umumenyereza wa Chelsea. Uwo mudagi yasubiriye Frank Lampard ku kibuga ca Stamford Bridge ku musi wa kabiri, avuga ko umukinyi w'inyuma w'umugwi wa RB Leipzig n'Ubufaransa Dayot Upamecano, 22, ari umwe mu bakinyi yipfuza cane, (SportBild via Team Talk)
Vyitezwe ko umukinyi wo ku ruhande rw'i bubamfu wa Chelsea Baba Rahman, aba umukinyi wa mbere avuye muri uwo mugwi kava umumenyereza Lampard yirukanywe mu mabanga yiwe, mu gihe vyitezwe ko uwo mukinyi wo muri Ghana w'imyaka 26, aja mu mugwi wo mu Bugiriki, PAOK Salonika kw'ideni. (Sport24 via London.Football)
Vyitezwe ko umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United Facundo Pellistri wo mu gihugu ca Uruguay w'imyaka 19 ava muri uwo mugwi kw'ideni, akaba aronderwa n'imigwi ya Club Bruges na Alaves, aho yari yagiye muri uwo mugwi wa The Red devils ava muri Penarol mu kwezi kwa cumi. (Goal)
Umukinyi w'imbere w'Ububiligi, Christian Benteke w'imyaka 30, yitezwe kuguma mu mugwi wa Crystal Palace n'aho aronderwa cane n'umugwi wa West Bromwich Albion. (Sky Sports)
Leicester ifise icizere co kugura umukinyi yari imaze umwanya muremure irondera James Tarkowski wo mu mugwi wa Burnley mu mpera z'uyu mwaka. Uwo mukinyi w'imyaka 28 asigaje amezi 17 mu masezerano bafitaniye n'umugwi wiwe, ariko ntarafata ingingo yo kuva muri uwo mugwi wiwe. Iyindi migwi yari yarigeze kumurondera ni The Forex na West Ham. (Mirror)
Arsenal ifise akazi katoroshe ko ko guhiganwa na Barcelone kugura umukinyi wo hagati wa Manchester City w'imyaka 21, Eric Garcia, vyitezwe ko agiye kurangiza amasezerano yari afitaniye n'uwo mugwimuri uyu mwaka. (Mundo Deportivo via Express)