Aditya Singh: Umugabo yatowe amaze 'amezi atatu ku kibuga c'indege' ku gutinya Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo yagize ubwoba bwo gufata indege kubera ikiza ca corona yamaze amezi atatu atawuramenya ko aba ku kibuga c'indege, nk'uko bivugwa n'abashikirizamanza muri Amerika.
Aditya Singh, w'imyaka 36,yafashwe ku wa gatandatu abakozi b'indege bamusavye ibimuranga.
Yaciye abereka ikarata bitwaza ku kazi(badge),ariko bivugwa ko yari iy'umwe mu bakozi bo ngaho yari yavuze ko yatakaye mu kwezi kw'icumi.
Igiporisi kivuga ko Singh yaje n'indege ivuye Los Angeles ija ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca O'Hare itariki 19 z'ukwezu kw'icumi.
Bivugwa ko yatoye iyo karata y'umukozi aho ku kibuga kandi ko ''yari afise ubwoba bwo gutaha i muhira kubera Covid'' ku bw'icegera c'umushirizamanza Kathleen Hagerty nk'uko biri mu kinyamakuru Chicago Tribune.
Yabwiye umucamanza afise urwo rubanza ko yabaheyo ku mfashanyo yaja arahabwa n'izindi ngenzi.
Umucananza wa Cook County Susana Ortiz yatangajwe n'ingene ivyo bintu vyagenze.
Yabwiye umushikirizamanza yamushiriye iyo dosye ku wa mungu ati:
''Niba nakwumvise neza, ubu rero ushaka kumbwira ko umuntu atabirekuriwe kandi atari umukozi yoba yari amaze ahantu hatekanye mu nyubakwa z'ikibuga c'indege kuva itariki 19 ukwezi kwa 10 mu 2020 gushika itariki 16 ukweziu kwa mbere mu 2021 ata n'umwe aramubona?
Singh aba mu nkengera za Los Angeles kandi nta kahise ko gukora ivyaha afise, nk'uko bivugwa n'umushingwamanza. Icatumye aja Chicago ntikiramenyekana neza.
Yagirijwe icaha gikomeye co kuvogera aho bibujijwe mu kibuga c'indege n'icaha kibayabaye c'ubusuma.
Yafatiwe ingingo yo kutinjira ico kibuga hamwe yoshobora kuriha ama dollar 1.000 kugira arekurwe vy'agateganyo.
Umucamanza Ortiz yavuze ati:
''Kubera ibibuga vy'indege ari ibibanza bitegerezwa kuba bitagira inkomanzi kugira abantu bumve ko batekaniwe mu ngendo zabo,mbona ko ivyabaye bituma uwo mugabo aba ingeramizi ku bakoresha ico kibuga.''
Igisata kijejwe ivy'indege muri Chicago ari naco kigenzura ibibuga vy'indege v'ico gisagara cavuze mw'itangazo kiti:
''Mu gihe amatohoza akibandanya ku vyashitse, twarashoboye kumenya ko uwo mugabo ata mutekano muke yigeze atera ku kibuga ubwaco no ku bafata ingendo.''










