Burundi na Covid-19:Abarenga 70 batowe umugera mu ntara ya Makamba

Yatangajwe

Abajejwe amagara y'abantu mu ntara ya Makamba yo mu bumanuko bw'Uburundi ku rubibe bihana na Tanzania bamenyesha ko gushika uyu munsi abantu 79 bamaze gutorwa umugera wa Covid-19.

Komine zitatu z'iyo ntara-Mabanda, Nyanzalac na Vugizo nizo zivugwamwo abo bantu. Mu batowe uwo mugera harimwo abanyeshure n'abigisha.

Abo bantu bose ubu bariko barakurinwa kwa mu ganga mu bitaro vya komine za Mabanda, Nyanzalac na Makamba nyene.

Haraheze indwi irenga iyo ndwara itanguye kuvugwa muri iyo ntara. Kuva ico gihe haciye hatangura isekeza ryo gupima abokoranyeko n'aba mbere batoweko uwo mugera.

Ahandi ivugwa ni hehe?

Gushika ubu iyo ndwara iterwa n'umugera corona yahora ivugwa cane na mu gisagara ca Bujumbura. Abantu nibura 140 baratowe uwo mugera um bipimo vyakozwe hagati y'itariki 4 na 10 ukwezi kwa mbere.

Ariko muri iyi minsi iravugwa no mu gihugu hagati.

Gushika kuri uyu wa kane, mu ntara ya Ngozi iri mu buraruko bw'Uburundi havugwa abantu 22 batowe iyo ndwara, hakurikijwe ibiharo bitangwa n'abajejwe amagara y'abantu n'intwaro.

''Abo ni abari mu ma centres de sante no mu bitaro, hari abafatira imiti muhira'' nk'uko bivugwa n'umwe mu baba mu gisagara ca Ngozi.

N'umukuru w'intara ya Mwaro amajahagati y'Uburundi ku wa kane yavuze ko hari umuntu yatowe umugera wa Covid-19 muri muri iyo ntara

Mu ntara ya Kayanza naho barenga 30 ku bipimo vyakozwe kuva itari 8 z'uku kwezi.

Kwambara agapfukamunwa n'itegeko

Uwo murindi ugira kabiri w'ikwirakwira ry'iyo ndwara ryatumye hafatwa ingingo zindi zirakazwa mu ntumbero yo kwirinda ko ico kiza kibandanya kirandagata.

Kuva kuri uyu kuri uyu wa kane mu miduga yo kwiyunguruza rusangi abantu bategerezwa kwambara udufukamunwa.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bonyoni yanavuze ko ahantu hose hahurira abanbtu benshi bategerezwa kujayo bambaye udufukamunwa.

Yabivuze kuri uyu wa kane ariko aragendera ibigo bipima uwo mugera.

Izindi ngingo.

  • Imbibe zo hasi z'Uburundi zirugaye kuva ku wa mbere itari 11 uku kwezi kwa mbere. Ariko ibindadazwa birinjira.
  • Uwugiye mu Burundi n'indege ategerezwa kumara iminsi indwi ari ukwa wenyene mw'ihoteri, agapimwa coronavirus kabiri.
  • Ibiteramo vy'umuziki muri boîtes de nuit na Karaoke birabujijwe
  • Kuva ku wa mbere hatanguye isekeza ryo gupima uwo wese yiketseko ibimenyetso vya coronavirus

Coronavirus yatanguye kuvugwa mu Burundi mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze. Abantu barenga igihumbi baramaze kwandura uwo mugera, babiri nabo uramaze kubahitana, hakurikijwe ibiharuro bitangwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.