US: Sentare yanse urubanza rusaba ko Mike Pence ahindura ivyavuye mu matora

Yatangajwe

Akigoro ka nyuma mu ruhererekane rw'incuti za Perezida Donald Trump rwo kurondera ko ivyavuye mu matora yo mu kw'icumi na rimwe bifutwa kabaye impfagusa.

Umucamanza waTexas yanse urubanza rwashinzwe n'umu Repubulika Louie Gohmert yariko arondera ko icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yohabwa ububasha bwo gufuta ivyavuye mu matora.

Eka n'abashingwamanza ba Pence bari basavye ku wa kane ko uru rubanza rwofutwa.

Vyitezwe ko umukuru w'igihugu aherutse gutorwa Joe Biden arahira ku wa 20 z'uku kwa mbere, mu gihe gushika kuri ino saha Perezida Trump ataremera ko yatsinzwe.

Gohmert umushingamateka w'umu Repubulika yabwiye imboneshakure Newsmax TV yo muri Amerika ko ategura kwunguruza.

Incuti n'abagenzi ba Perezida Trump basangiye umugambwe w'aba Repubulika barashingishije imanza zitari nke mu kurondera ko ivyavuye mu matora yo mu kwa cumi na rimwe yatsinzwe na Biden vyofutwa.

Intsinzi ya Joe Biden yagiye gutangazwa haciye iminsi itari mike baharura ivyavuye mu matora, igikorwa catwaye umwanya muremure gusumba kubera ibitigiri binini vy'abatoye bifashishije uburyo bwa posita kubera ikiza karanda ca coronavirus.

Perezida Trump yaravuze incuro nyinshi ko aya matora yabayemwo ubusuma ariko akaba adashobora gutanga ivyemezo.

Uru rubanza rw'umushingamateka Gohmert rurondera guha ububasha icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence bwo gufuta amajwi y'intumwa z'itora zimwe zimwe kuri urya munsi inama nshingamateka na nkenguzamateka zizoba zikoranye ku wa 06 z'uku kwa mbere kugira ngo zemeze burundu ivyavuye mu matora.

Icegera c'umukuru w'igihugu niwe arongora ivyo birori vyo kwemeza ivyavuye mu matora, ariko akaba ata bubasha aba afise bwo gufata ingingo, uretse kwugurura no guharura amabahasha arimwo amajwi y'intumwa z'itora hanyuma agatangaza icese ivyayavuyemwo.

Urubanza rwashingishijwe n'uyu mushingamateka Gohmert rurondera ko icegera c'umukuru w'igihugu yongerwa ububasha kugira ngo Pence ashobore gufata ingingo ku vyavuye mu matora, maze agashobora gufuta amajwi ya Biden kugira ayasubirize n'aya Trump.

Ariko umucamanza Jeremy Kernodle, yari yagenywe na Perezida Trump we nyene ubwiwe muri sentare ya Texas mu 2018, yafuse urwo rubanza, avuga ko rushingiye ku vyitwazo bitagira ishingiro.

Ku wa kane, umwe mu bashingwamanza bo mu bushikiranganji bw'ubutungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asanzwe aserukira Mike Pence yasavye Gohmert gusokora urwo rubanza, avuga ko ibiro vy'icegera c'umukuru w'igihugu atari vyo bisuzuma ivyavuye mu matora.

N'aho vyitezwe ko abashingamateka n'abakenguzamateka hafi bose b'aba Repubulika bemeza ivyavuye mu matora, hari akarwi gatoya, harimwo n'umukenguzamateka Josh Hawley bavuga ko bazovyiyamiriza. Ariko ivyo bikaba vyitezwe ko ataco bizohindura.

Joe Biden yitezwe kurahira ku wa 20 z'uku kwa mbere imbere y'abantu bakeya bashika 1000 gusa mu ntumbero yo kwirinda Covid-19.