USA: Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vya Joe Biden bigizwe n'abapfasoni gusa

Yatangajwe

Presida aherutse gutorerwa kuyobora Amerika, Joe Biden, yagenye umugwi wo kumenyesha amakuru ugizwe n'abapfasoni gusa, ico ubutegetsi bwiwe buvuga ko ari imbonekarimwe muri kahise ka Amerika.

Uwo mugwi urongowe na Kate Bedingfield, yahoze ari icegera c'uwari ashinzwe kumenyesha amakuru mu myiyamamazo ya Biden.

Jen Psaki, yari umuyobozi mu biro vyo kumenyesha amakuru ku ntwaro ya prezida Barack Obama, azoba umunyamabanga wa reta ajejwe ibimenyeshamakuru.

Biden yari yaramenyesheje ko azoshiraho ubutegetsi bufise isura y'igihugu cose.

Mw'itangazo yasohoye yagize ati: "Nshimishijwe no kubamenyesha uyu musi, umugwi wo kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, wose ugizwe n'abapfasoni gusa."

"Aba bapfasoni bize, bakagira n'uburambe mu guhanahana amakuru bazanye akabirya mu kazi kabo hamwe n'ubushake bwo gusubira kwubaka iki gihugu neza."

Babiri mu bahanuzi bakomeye b'icegera c'umukuru w'igihugu Kamala Harris bazoba ari Symone Sanders na Ashley Etienne.

Abagize ibiro bijejwe kumenyesha amakuru ntibisabwa ko bemezwa n'inama nkenguzamateka, ibitandukanye n'abashikiranganji.

Inyuma yo gutorerwa kurongora igihugu, Biden yagumye ashira ahabona amazina y'abazoja mu bibanza vyo hejuru mu butegetsi bwiwe.

Mu ndwi iheze, yavuze ko abo yahisemwo "ari umugwi werekana ko Amerika yagarutse".

Yongeyeko ko abo yahisemwo bashobora kugumiza igihugu "mu cizere no mu mutekano" mu gihe kibandanya kurongora isi.

Bitegekanijwe ko Biden arahirira amabanga y'umukuru w'igihugu itariki 20 z'ukwezi kwa mbere.

Ku musi wa mbere, bitegekanijwe ko ashikirizwa amakuru yo mw'ibanga y'iperereza ry'ico gihugu ku ncuro ya mbere.

Ivyo bishobotse inyuma y'itangazo, haraciye indwi imwe, ryavuga ko ikiringo mfatakibanza catanguye.