Ethiopia: Umumenyeshamakuru wa Reuters afata amasanamu Kumerra Gemechu yahagaritswe

Yatangajwe

Itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryiyamirije ifatwa ry'umumenyeshamakuru waryo afata amasanamu, Kumerra Gemechu muri Ethiopia, rivuga ko ata nsiguro yatanzwe kw'ipfungwa ryiwe.

Kumerra Gemechu's phone and computer have been confiscated by police, his family says

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuryango wiwe uvuga ko Kumerra Gemechu bamutwaye akuma kabikwamwo inyandiko, amafoto n'ama video (flash drives) hamwe n'impapuro igihe yahagarikwa n'abapolisi

Umuryango wiwe wavuze ko igipolisi camushizeko amapingu ku muhana iwe ku mugwa mukuru Addis Ababa, ku musi wa kane, bamwaka telephone n'inyabwonko baca baramutwara.

Igipolisi nta co kirabivugako.

Kumerra w'imyaka 38, yarakoze ku ntambara yabereye mu karere ka Tigray kari mu buraruko bwa Ethiopia, ariko ntibiramenyekana nimba ifatwa ryiwe rifitaniye isano n'akazi akora nk'uko vyandikwa na Reuters.

Reuters yandika kandi ko umuryango wiwe uvuga ko akuma kabikwamwo inyandiko, amafoto n'ama video (flash drives) hamwe n'impapuro vyatwawe igihe yahagarikwa n'abajejwe umutekano 10 bitwaje ibigwanisho.

Nk'uko bivugwa na Reuters, Kumerra yari amaze imyaka cumi akorera Reuters nk'umuntu afata amasanamu yigenga.

Ifatwa ryiwe rije rikurikira ikiringo cababa indwi zibiri inyuma y'aho igipolisi ca Ethiopia gikubaguriye Tiksa Negeri, afatira amafoto Reuters.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona na Stephen Adler , arongoye Reuters yagize ati:"Abamenyeshamakuru bategerezwa kwemererwa gutanga inkuru abanyagihugu bakeneye badatinya ko bashobora gukubagurwa canke kugirirwa nabi, aho bari hose. Ntituzoruhuka gushika igihe Kumerra azoba arekuwe."

'Umukobwa yanse kurekura se agiye gufungwa'

Kumarra yafashwe n'igipolisi imbere y'umupfasoni wiwe n'abana biwe batatu, nk'uko Reuters isubiramwo umupfasoni wiwe Hawi Desalegn.

Yongeyeko ko umukobwa wiwe mukuru w'imyaka 10, yaciye amwihambirirako igihe bariko baramutwara.

Kumara yaritavye muri sentare akanya gato kuri uyu wa gatanu ata mushingwamanza n'umwe bari kumwe.

Umucamanza yategetse ko aba arapfunzwe imisi 14, kugira ngo igipolisi kironke akanya ko kugira amatohoza, nk'uko umuryango wiwe wabibwiye Reuters.

Nta caha aragirizwa.

Ishirahamwe ryo muri Amerika ryishinze gukingira abamenyeshamakuru CPJ (Committee to Protect Journalists) ryavuze ko ipfungwa rya Kumerra ari "ikimenyetso ca vuba c'ukungene ukwishira n'ukwizana kw'itangazamakuru kunyarutse kubangamirwa ku ntwaro ya Abiy Ahmed inyuma y'akanya gato k'icizere ko hari ikigiye guhinduka."

Reta irahakana ko iriko irabangamira abamenyeshamakuru.