Centrafrique: amatora yatanguye mu bwoba bwinshi ko hashobora kwaduka imigumuko

Amatora

Ahavuye isanamu, EPA

Yatangajwe

Amatora muri Centrafrique yatanguye, inyuma y'imyiyamamazo yabayemwo imishamirano hagati y'ingabo za reta n'imirwi y'inyeshamba.

Ejo ku wa gatandatu, Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yaranse igisabo c'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari basavye ko amatora yunguruzwa kubera umutekano muke.

Mu gihe ico gihugu cariko citegurira aya matora, abasirikare bari mu ngabo zagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu barishwe mu bitero bibiri bitandukanye vyakozwe n'abitwaje ibirwanisho batashoboye kumenyekana.

Aya niyo matora ya mbere kuva habaye amasezerano y'amahoro mu 2019.

Perezida Faustin-Archange Touadera yitoreza ikiringo ca kabiri akaba yagiriza uwo yasubiriye, François Bozizé, ko ariko ategura gutembagaza ubutegetsi ari kumwe n'inyeshamba.

Bozize wewe arahakana ivyo yagirizwa, ariko akaba atashoboye kwemererwa kwitoza kubera ari mu bihano yafatiwe n'ishirahamwe ONU.

Ihuriro ry'imirwi y'inyeshamba Coalition des Patriotes pour le Changement (CPC) ryagiriza reta ko yateguye ubusuma bw'amatora, ivyo ubutegetsi bwa Centrafrique buhakana.

Ni amatora y'umukuru w'igihugu n'ayo abashingamateka ariko araba, ingabo za ONU zikaba zameze magabo mu mabarabara y'umugwa mukuru Bangui, eka no ku biro bimwe bimwe vy'amatora hakaba hibonekeza vya burende.

Iri huriro ry'imirwi y'inyeshamba ryatangaje ku wa gatanu ko rihagaritse agahengwe k'iminsi itatu kari kumvikanyweko kugira amatora ashobore kuba, rikavuga ko ryafashe iyi ngino kubera ibitero vy'ingabo za reta.

Hagati aho, reta yoyo yari yiyamirije ivy'aka gahengwe, ikavuga ko ataco kamaze kubera inyeshamba zitigeze zikubahiriza.

Iyi mirwi y'inyeshamba yarigaruriye ibisagara bitari bike biri hafi y'umugwa mukuru Bangui, aho yatana mu mitwe n'ingabo za reta yongera isahura.

Ingabo za ONU zijejwe kwubahiriza amahoro n'umutekano ziriko zigerageza kubanguranya ingabo za reta n'inyeshamba

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ingabo za ONU zijejwe kwubahiriza amahoro n'umutekano ziriko zigerageza kubanguranya ingabo za reta n'inyeshamba

Ku wa gatanu, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko ubwicanyi bw'ingabo zaryo zitatu zijejwe kubungabunga amahoro n'umutekano zikomoka mu Burundi bushobora kuba ivyaha vyo mu ntambara.

Centrafrique ni kimwe mu bihugu vya Afrika bikenye cane kandi vyamunzwe n'indyane, n'aho ubutaka bwaco bwuzuye ubutare bwinshi, harimwo ubwa diamand na uranium.

ONU ivuga ko hafi igice c'abanyagihugu kibeshejweho n'imfashanyo y'abagiraneza kandi ko ica gatanu cabo bataye izabo.

François Bozizé yahoze arongoye Centrafrique yarakuwe ku rutonde rw'abazokwitoza muri ano matora

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, François Bozizé yahoze arongoye Centrafrique yarakuwe ku rutonde rw'abazokwitoza muri ano matora

Ku wa 03 z'uku kwa cumi na kabiri, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro muri ico gihugu yarakuye François Bozize ku rutonde rw'abahiganwa, ivuga ko adakwije ibisabwa ku "nyifato nziza" isabwa ku bahiganwa kubera umutahe mpuzamakungu yasohorewe hamwe n'ibihano yafatiwe na ONU. Yagirizwa ubwicanyi butandukanye, kuboreza igufa abnyagihugu hamwe n'ayandi mabi atandukanye mu gihe yari ku butegetsi.

François Bozizé yari yashitse ku butegetsi atembagaje inzego mu 2003, akaba yaratsinze mu matora abiri vyabonetse ko yabaye mu manyanga. Yirukanwe mu 2013 n'umhari Séléka - ihuriro ry'inyeshamba ryari rihuriyemwo ahanini n'urwaruka rwo mw'idini rya Isilamu - wamwagirije ko yahonyanze amasezerano y'amahoro.

Uburusiya ni soma mbike na Perezida Touadéra. Muri ino ndwi bwavuze ko bwarungitse abigisha ba gisirikare 300 muri Centrafrique, bukavuga ko ari imfashanyo yasabwe na reta y'ico gihugu.

Uburusiya bubandanya bushimangira ko ata ruhara bugira muri izo ntambara.