Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Taiwan: Umudereva w'indege yanduje abantu Covid yirukanywe mu kazi
Umudereva w'indege yagirizwa iyandukiza ry'umugera wa coronavirus ubwa mbere (inyuma y'amezi menshi) muri Taiwan, yirukanywe ku kazi na kompanyi yo muri iryo zinga yitwa Eva.
Ku musi wa kabiri, uwari yamanye n'uwo mudereva bamutoye uwo mugera, aca arangiza imisi 253 yari iheze ata mu ntu wo muri ico gihugu yanduye iyo ngwara.
Kuva ico gihe, bimwe mu bikorwa vya Noel vyahagaritswe, reta na yo ikavuga ko abantu bategerezwa kuguma muhira mu ntango z'umwaka mushasha.
Muri rusangi, Taiwan, izinga riruta gato Uburundi mu bunini, ifise abantu bamaze kwandura bashika 777, hakaba hamaze gupfa indwi.
Vyibazwa ko uwo mudereva yanduye coronavirus mu ntango z'ukwezi kwa cumi na kabiri, ariko ntiyaca agaragarako ubugwayi.
Abadereva bagarutse muri iryo zinga bavuye mu rugendo bategerezwa kwigumana bonyene mu kiringo c'imisi itatu, ariko ntibapimwa kiretse gusa babonetseko ibimenyetso.
Mu gihe atari abizi ko afise uwo mugera, yabandanije ingendo, bikavugwa ko yakorora igihe yari mu ndege ija Taiwan avuye muri Amerika.
Bamusanganye Covid- 19 itariki 20 z'uku kwezi kwa cumi na kabiri.
Inyuma y'imisi ibiri, Taiwan yaciye ironka umuntu wa mbere yanduriye muri ico gihugu muri aya mezi. Abategetsi baciye batangura kurondera nimba uwo mupfasoni atigeze yegera uwo mudereva.
Abategetsi baciye uwo mugabo amande y'amadolari 10,600 kubera atigeze avuga abo babonanye n'ibikorwa yakoze ku butegetsi.
Kompanyi ya Eva Air ivuga ko uwo mudereva yirukanywe kubera atubahirije amategeko ngenderwako, harimwo kutambara agapfukamunwa aho yicara ariko aratwara indege.
Uretse uwo mupfasoni, vyibazwa ko yanduje babiri mubo bakorana, umudereva wo mu Buyapani hamwe n'uwundi wo muri Taiwan.
Yaba abategetsi canke iyo kompanyi, nta n'umwe aravuga izina ry'uwo mudereva ariko Eva Air yavuze mw'itangazo ko "inyifato y'umukozi ku giti ciwe, yateye ikibazo mu twigoro twa buri muntu two kugwanya ico kiza" kandi akaba yateye "igihombo gikomeye kw'isura n'akaranga vy'iyo kompanyi"
Kubera uwo muntu wa mbere yanduye, abategetsi baritegurira gukomeza ingingo zo kugwanya Covid mu ndege.