Berlin: Ibarabara ryo mu Budagi rigiye kwitirirwa umutanzaniyakazi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajenama b'akarere ko ku mugwa mukuru w'Ubudagi, Berlin, bemeje itegeko ryo guhindura izina ry'ibarabara ryitirirwa umutegetsi umwe wo mu gihe c'ubukoloni mu karere ka Afrika y'Ubuseruko yagirizwa ubwicanyi, kugira baryitirire umwe mu barwaniye ukwikukira kwa Tanzania.
Ibarabara a Wissmannstraße ryari ryitiriwe Hermann von Wissmann, ubu rigiye kwitwa Lucy-Lameck-Straße.
Uyu mukenyezi ni we mukenyezi wa mbere yahawe amabanga y'ubushikiranganji, akaba ari umwe mu bategetsi bakomeye barwaniye ukwikukira kwa Tanzania.
Lucy Lameck yari icegera c'umushikiranganji ajejwe iterambere, yongera kandi aba icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu, akaba azwi ko yagize uruhara rukomeye mu kurwanira agateka k'abakenyezi muri ico gihugu.
Von Wissman niwe yari arongoye intara yitwa German East Africa, ni ukuvuga intara y'Ubudagi yo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko, kari kagizwe na Tanganyika, u Burundi n'u Rwanda, mu gihe kari kakiri mu minwe y'abakoloni b'Abadagi.
Wissman yagirizwa ko yategetse ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu benshi b'aka karere nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru c'Ubudagi, Der Tagesspiegel.
Ishirahamwe ryo mu Budagi Berlin Postkolonial, rimwe mu mashirahamwe yaharaniye izi mpinduka, ryishimiye iyi ngingo y'abarongoye ako karere ka Berlin.
Mw'itangazo ryasohoye, iri shirahamwe rivuga ko iri sekeza ryashoboye kwambura icubahiro cahabwa "Von Wissmann, maze kigahabwa umukenyezi w'umutanzaniyakazi yarwanije ubukoloni n'ivanguraruhu".
Mnyaka Sururu Mboro, umutanzaniya ari mu barongoye ishirahamwe Berlin Postkolonial avuga ati: "Wissmann yari umunyamacakubiri kandi umwicanyi. Lucy Lameck ni ikimenyetso c'uruhara abagore bagize mu kurwanira ukwikukira kw'ico gihugu, ariko rutahawe agaciro".
Lucy Lameck ni nde?
Yavutse mu 1934 avukira mu gisagara ca Moshi mu cari Tanganyika yegukira Ubwongereza.
Yavukiye mu muryango w'abarimyi, mu nyuma yiga ibijanye n'ubuforoma imbere y'uko yinjira muri politike.
Arangije ivyigwa vyiwe vy'ubuforoma mu 1950, ntiyashimye kubandanya akazi mu gisata c'ubuvuzi c'abakoloni b'Abongereza, ahubwo yemeye gukora akazi k'ubukarani.
Mu nyuma yaragiye kwiga amashure ya kaminuza mu kigo c'ahitwa Ruskin, cegukira ishure kaminuza rya Oxford mu Bwongereza.
Lucy Lameck azwi ko yari umunyapolitike yari akomeye muri Tanzania, kuko yabaye umutanzaniyakazi wa mbere yajejwe amabanga y'ubushikiranganji muri leta y'ico gihugu.
Mu 1960, yinjiye ubwa mbere mu nama nshingamateka ya Tanganyika, imbere y'uko atorwa kuba umushingamateka mu Nama Nshingamateka igihugu kimaze kwitwa Tanzania mu 1965.
Yibukwa nk'intangarugero, umuntu yamaze ubuzima bwiwe bwose aharanira agateka k'abakenyezi muri Tanzania.









