Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Abapolisi batatu bahagaritswe mu kazi i Paris bazira gukubita umwirabure
Abategetsi b'Ubufaransa bahagaritse abapolisi batatu inyuma yo kuboneka kuri video bariko barakubita umwirabure akora mu vy'umuziki hagati mu gisagara ca Paris.
Ivyo vyashitse ku musi wa gatandatu vyatumye haduka agashavu ku nyifato y'abajejwe umutekano mu Bufaransa.
Ku musi wa mbere, igipolisi cagirijwe gukoresha inguvu nyinshi zidakenewe mu gihe cariko kirasambura ikambi y'abimukira i Paris.
Ivyo bishitse mu gihe reta iriko iragerageza gushiraho itegeko ribuza kwerekana isura z'abapolisi.
Abaterekwa iryo tegeko bavuga ko iyo ataba ayo masanamu ata kintu na kimwe muri ivyo vyabaye mu ndwi iheze cari kumenyekana.
Ku musi wa kane, umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru, Kylian Mbappe, na we nyene w'umwirabure, yarifatanije na bagenzi we b'umurwi nserukiragihugu hamwe n'abandi banonotsi mu kwiyamiriza inyifato y'abo bapolisi.
Iruhande y'ifoto y'uwo mugabo yiswe Michel yuzuye amaraso mu maso, yanditse ati:" Video ibabaje, ubunyamaswa budakwiye kwihanganirwa. Iyamirize amacakubiri afatiye ku rukoba!"
Kuri uyu wa kane ni ho amasanamu ya video yashirwa ku rubuga rwa Loopsider.
Yerekana abapolisi batatu bariko basunagura, bakubita ingumu banakoresha n'indembo kuri uwo mugabo amaze kwinjira muri 'studio' yiwe. Loopsider ivuga ko ubwa mbere yari yahagaritswe yagirizwa kuba atambaye agapfukamunwa.
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Michel kandi avuga ko yatutswe ivyerekeye urukoba rwiwe mu minota itanu yamaze ariko arakubitwa.
Yarapfunzwe anagirizwa kurwana no kwanka guhagarikwa, ariko abashikirizamanza bamirira kure ivyo birego, ahubwo bakaba baciye batanguza amatohoza kuri abo bapolisi.
Igihe yashika ku cicaro gikuru c'igipolisi ku wa kane, ari kumwe n'uwumuburanira kugira buguruze urubanza, Michel yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Abantu bategerezwa kunkingira bangizeko igitero. Nta kintu na kimwe nari nakoze ngo nkorerwe ibintu nk'ibi. Nshaka ko gusa abo bantu batatu bahanwa hakurikijwe amategeko."
Uwurongoye igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, yavuze ko "ababajwe cane" n'ico "gikorwa kidakwiye kwihanganirwa".
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Gérald Darmanin yabwiye televiziyo y'Ubafaransa ko ashobora gusaba ko abo bapolisi bahagarikwa mu kazi, avuga ko "bacafuje umwambaro w'igihugu".
Mu ntango z'iyi ndwi, Darmanin yari yategetse igipolisi kumushikiriza icegeranyo inyuma y'aho basamburiye ikambi y'abimukira ku mugwa mukuru, bagatana mu mitwe na bo hamwe n'abaharanira agateka ka zina muntu.
Yanditse kuri Twitter ko bimwe muvyahabereye "Biteye isoni".