France: Jonathann Daval yaciriwe umunyororo w’imyaya 25 yishe umugore wiwe

Yatangajwe

Umugabo yaciriwe umunyororo w'imyaka 25 ku caha co kwica umugore wiwe agaca aturira ikiziga ciwe, ivyababaje abanyagihugu bo mu Bufaransa.

Ikiziga ca Alexia Daval catowe mu kwezi kw'icumi 2017 caturiwe mw'ishamba riri hafi y'igisagara ca Gray kiri mu buraruko bushira ubuseruko.

Umugabo wiwe Jonathann Daval yabanje kubesha avuga ko umugore wiwe yazimiye, abwira igipolisi ko yavuye muhira agiye kwinonora imitsi akaba atigeze agaruka muhira.

Mu nyuma niho yagiye kwemera ko yamukubise gushika aho apfa maze aturira ikiziga ciwe.

Igihe uru rubanza rwasomwa ejo ku wa gatandatu, uyu mugabo w'imyaka 36 wamengo ntaco bimubwiye. Araba abavyeyi b'umugore wiwe, yivugiye ati "mbabarira".

Abashikirizamanza bavuga ko ivyabaye ari "ubwicanyi bw'agahomerabunwa bwabereye mu rugo", bakaba bari bamusabiye umunyororo w'ubuzima bwose.

Ni ibiki vyashikiye Alexia Daval?

Uyu mugore Alexia Daval w'imyaka 29 yari umukozi wo mw'ibanki. Umugabo wiwe yamenyesheje ko yazimiye mu kw'icumi 2017, avuga ko yari yagiye mw'ikarashishi hanyuma ntiyagaruka.

Ikiziga ciwe cagiye gutorwa haciye iminsi ibiri, caturiwe igice kinini kandi gipfutse n'amababi y'ibiti mu kibira kiri kure y'aho yakunda guca ari kwiruka mu kwinonora imitsi.

Urupfu rwiwe rwatumye haduka imyiyerekano y'abantu barenga 10.000 mu gisagara ca Gray. Mu kumwibuka, abagore bakoze imyimenyerezo yo kwiruka mu kwinonora imitsi mu bisagara bitandukanye vyo mu Bufaransa.

Inyuma y'urupfu rwiwe, Daval yabonetse ariko akorora amosozi mu biganiro n'abanyamakuru ari kumwe n'abo mu muryango w'umugore wiwe.

Ariko haciye amezi atatu, abashikirizamanza batangaje ko yahavuye yemera ko ari we yagandaguye umugore wiwe. Mu ntango yarahakanye ko atari we yaturiye ikiziga ciwe, ariko mu mwaka uheze akaba yahavuye avyemera.

Igihe urubanza rwariko rurabandanya, yagiye ahindagura ivyo yavuga incuro zitari nke.

Mu ntango z'ino ndwi, igihe abacamanza bamubaza nimba yemera ko « ari we wenyene » yiyiciye umugore wiwe, yishuye ati « ego ».