Uruhagarara i Tigray: Abiy Ahmed wa Ethiopia yiyemeje kubandanya ibitero vya gisirikare

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yiyemeje kubandanya ibikorwa vya gisirikare mu buraruko bw'igihugu mu ntara ya Tigray naho amakungu yamusavye kuba aratenyenye.
Ubutegetsi bwa Abiy Ahmed bwagirije umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) kuba waragavye ibitero ku gisirikare.
TPLF, usanzwe ari wo urongoye iyo ntara, uvuga ko udashobora "kwiyumanganya inkurikizi mbi".
Uruhagarara hagati y'uwo mugambwe, wigeze kuba ari wo ukomeye cane mu gihugu, hamwe na leta rumaze amezi ruriko ruriyongera.
Uwo mugambwe kandi warigeze kwagiriza leta kuba yari ifise umugambi wo gutera iyo ntara.
Ninde yahamagariye Ethiopia kwigumya?
Kuwa gatatu, naho amatora muri Amerika ari co cavugwa gusa, umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Mike Pompeo yasohoye urwandiko asaba ko imirwano yohagarara.
Muri urwo rwandiko yagize ati "Turababajwe n'abahasize ubuzima mu buryo bubi kandi dusavye ubu bwa vuba ko hokorwa ibishoboka kugira amahoro agaruke hamwe no guhosha uruhagarara... Gukingira ubuzima bw'abantu bo kubarindira umutekano ni nkenerwa."
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yavuze iki?
Mw'ijambo ryaciye kuri televiziyo Bwana Abiy, yatsindiye agashimwe Nobel k'amahoro mu mwaka uheze, yavuze ko ibikorwa vya gisirikare vyagenze neza kandi ko bizobandanya.
Yavuze ko ico gitero cagabwe mu gusubiriza mu ndumane igitero ku nkambi ya gisirikare cahitanye ubuzima bw'abantu. Ntiyavuze abapfuye uko bangana.
Ni ibiki tuzi ku mirwano iriko iraba?
Nta makuru menshi ahari kuko umushikiranganji wa mbere yavuze ko hazogira ibitangazwa ari uko ibikorwa vya gisirikare biheze.
Kuwa kabiri mw'ijoro yavuze ko yategetse igisirikare kugaba ibitero nyuma y'aho ibigo vya gisikare vyigaruriwe n'abarwanyi bashigikiye ubutegetsi bw'intara kandi yagiriza TPLF kuba ari yo yagavye ivyo bitero.
Mw'ijambo kuri televiziyo yavuze ko ico gitero "caguyemwo intwari nyinshi, abandi barakomereka hanononekara ibintu".
Kuwa gatatu, BBC yavuganye n'ababibonye bemeje ko ibiro bikuru vy'uburongozi bw'uburaruko ku murwa mukuru wa Tigray, Mekelle, vyariko biragenzurwa n'abasirikare kabuhariwe ba Tigray. Ivyo ntacerekana ko vyahindutse.
Ubutegetsi bw'iyo ntara buvuga iki?
Umurongozi wa Tigray, Debretsion Gebremichael, yavuze ko imirwano ikibandanya mu burengero mu gace k'intara gahana urubibe n'intara ya Ahmara.
Yavuze ko abasirikare ba leta y'igihugu, co kimwe n'abasirikare bo mu ntara ya Amhara, barwanirije hamwe abasiriakre ba Tigray kuwa gatatu.
Bwana Debretsion yongeyeko yuko abasirikare biwe bafashe "hafi ya vyose" mu birwanisho vy'ibiro bikuru vy'uburongozi bw'uburaruko.
Yagize ati "Abanyagihugu ba Tigray ntibari bakwiye guterwa hakoreshejwe ibirwanisho vya Tigray. Ubu dufise ibirwanisho bikwiye. Ntituri hasi yabo mu bijanye n'ibirwaniso, ahuwo twoba tunabarusha".
Ibintu vyifashe gute i Mekelle?
Hari amakuru y'uko urusaku rw'inkoho rwashobora kwumvikana mu gitondo co kuwa gatatu, ariko kuva ico gihe agahengwe karagarutse mu muji.

Imirongo ya telephone, internet hamwe n'umuyagankuba vyaraciwe amabanki nayo arugarwa, ariko abantu baboneka mu mabarabara nk'uko abahegereye babibwiye BBC.
Haboneka kandi n'abasirikare batari bake bo mu ngabo z'intara.
None ibi vyose vyatewe n'iki?
TPLF niwo mugambwe wari ukomeye mu runani rwari rugize leta ya Ethiopia gushika mu 2018, igihe Bwana Abiy yashika ku butegetsi nyuma y'imyiyerekano hose mu gihe y'abo mu bwoko bw'aba Oromo. Kuva ico gihe, ububasha bw'uwo mugambwe bwaragabanutse.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bwana Abiy yashinze uwundi mugambwe uri ku butegetsi, ariko TPLF ntiyawuhambije.
Mu kwezi kw'icenda, abajejwe intwaro i Tigray batunganije amatora mu bisa n'uguhangana n'ingingo yo kuyigiza inyuma mu gihugu cose, yafashwe kubera ikiza ca coronavirus,
Leta yaciye itangaza ko ayo matora y'inama nshingamateka ya Tigray "atemewe n'amategeko".
Bwana Debrestion yabwiye abanyamakuru kuwa mbere y'uko leta izogaba igitero - yitwaje guhana abateguye amatora.
Bwana Abiy yaciye yagiriza TPLF kugaba igitero ku kigo c'abasirikare aca agomora ingabo za Ethiopia.
Leta kandi yatangaje ikiringo c'amezi atandatu c'amategeko y'ibihe bidasanzwe mu ntara ya Tigray co kimwe no kwugara ikirere caho.










