US Election 2020: Ni ryari tuzomenya uwatsinze, mbe hoho ivyavuye mu matora vyokwiyamirizwa?

Amatora muri Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Guharura amajwi biramaze gutangura muri ano matora y'umukuru w'igihugu wa Amerika, ariko birashobora gutwara iminsi kugira uwatsinze hagati ya Donald Trump na Joe Biden amenyekane.

Muri ano matora, amamiriyoni y'Abanyamerika batoye babicishije mw'iposita kubera coronavirus, bigasigura ko guteba mu guharura amajwi bishoboka cane.

Mu bisanzwe uwatsinze amatora ya Prezida wa Amerika amenyekana ryari?

Mu bisanzwe ivyavuye mu matora biba bigaragara neza mw'ijoro ry'umunsi w'amatora, uno mwaka rikaba ari kuwa kabiri itariki 3 z'ukwa cumi na rimwe.

Amaleta atandukanye ahagarika gutora amasaha atandukanye. Ibiro vya mbere vy'amatora vyugara mu karere k'ubuseruko isaha 19:00 zaho (00:00).

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Tump avuga ko ivyavuye mu matora bishobora gushikanwa muri Sentare Ntahinyuzwa

Bica bikurikirwa no gutangaza amajwi uko aza araboneka muri buri leta.

Guharura amajwi yose ntibija bihera mw'ijoro amatora yabereyeko - ariko amajwi akwiye aba amaze kuboneka kugira uwatsinze amenyekane.

Uwatsinze muri leta imwe "amenyeshwa" n'ibitangazamakuru bikomeye muri Amerika iyo bibona ko afise amajwi adashikirwa.

Ariko kuri ino ntambwe, iyo amajwi nka yose amaze guharurwa, haca hamenyeshwa iyo biganisha, ariko ntibiba ari ivyavuye mu matora ntabanduka.

Abakuru b'igihugu ba Amerika ntibatsinda kubera amajwi baronse ku rwego rw'igihugu, ahubwo bivana n'amaleta batsinzemwo uko angana.

Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umudemokarate Joe Biden ari imbere mu majwi ngereranyo

Uwutsinze muri buri leta ahabwa igitigiri c'"intumwa zitora" bivanye n'ubwinshi bw'abanyagihugu baba muri iyo leta.

Kugira utsindire intebe yo muri White House ukenera intumwa zitora 270.

Mu 2016, vyatangajwe ko Donald Trump yatsinze isaha 02:30 EST (07:30 GMT), nyuma yo gutsinda i Wisconsin akarenza intumwa zitora 270.

Kubera iki uno mwaka bitandukanye?

Ikiza ca coronavirus catumye abantu benshi batari bwaboneke batora kare, babicishije mw'iposita canke bishikiye ku biro vy'itora.

Mu bisanzwe amajwi acishijwe mw'iposita atwara igihe kinini mu kuyaharura kuko acishwa mu ntambwe nyinshi agenzurwa, nko kuraba umukono hamwe na aderese y'uwatoye.

Amaleta amwe nka Florida na Ohio, yemera ko ibi bitangura hasigaye iminsi itari mike imbere y'uko umunsi w'itora ushika, kugira amajwi abe yiteguriwe guharurwa.

Imashini ikoreshwa mu gutora i California

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imashini ikoreshwa mu gutora i California

Muri ayo maleta, birashoboka gutangaza uwatsinze mw'ijoro ry'umunsi w'amatora, bivanye n'ukuntu gutora vyagenze.

Ariko ayandi maleta nka Pennsylvania na Wisconsin, ntiyemera ko amajwi aharurwa umunsi wo gutora utarashika.

Aya maleta ashobora kuba ngirakamaro cane - kandi abajejwe amatora bavuga ko guharura amajwi bishobora gutwara iminsi.

Ingene uburyo amaleta amwe amwe atunganya gutora bishobora kubangamira guharura kare:

  • Mu maleta arindira umunsi wo gutora kugira aharure amajwi, ibiharuro vya mbere birashobora gushira imbere Prezida Trump kuko aba Republikani benshi bitezwe kwishikira ku biro vy'amatora ku munsi wo gutora kandi ayo majwi aranyaruka guharura.
  • Mu maleta atangura guharura kare imbere y'umunsi w'itora, ibiharuro vya mbere vyitezwe gushira imbere Bwana Biden kuko aba Demokarate benshi batoye kare kurusha aba Republikani.

Nico gituma abajejwe amatora bagabishije yuko ibizoyavamwo mu ntango bidashobora kwerekana neza uko yagenze.

Harabaye uguteba mu yandi matora muri uno mwaka - amaleta 23 yabayemwo amatora yo hagati y'ukwezi kwa gatatu yafashe iminsi ishika kuri ine kugira atangaze ivyayavuyemwo, nk'uko umwihwezo wa Washington Post ubitangaza.

Ni iki kindi gishobora gutevya guharura?

Hafi y'ica kabiri c'amaleta azokwemera amajwi y'abatoye biciye mw'iposita azoshika nyuma y'umunsi w'amatora, igihe cose azoba yashizwe mw'iposita imbere y'itariki 3 z'ukwa cumi na rimwe, rero hari amajwi azoharurwa haciye iminsi amatora yabaye.

Harashobora kandi kuba ukwiyongera kw'abatoye vy'agateganyo - abo bakaba ari abantu bari basavye gutora biciye mw'iposita ariko mu nyuma bakaza guhitamwo kwishikira ku biro vy'itora.

Abo rero ntibazoshirwa mu guharura kwa mbere, kuko bategerezwa kugenzurwa kugira ntihagire abatora kabiri.

Bizogenda gute ivyavuye mu matora nibitemerwa na bose?

Ikiza kiramaze gutuma haba imanza 300 zerekeye amategeko agenga amatora mu ntara 44, nk'uko bitangazwa n'ikigo Stanford-MIT healthy-elections project.

Aya matora y'umukuru w'igihugu arashobora kubamwo ukwitwara mu butungane kwinshi, kuva ku vyankenerwa mu kumenya ibiranga umuntu iyo atoye akoresheje iposita, gushika ku buryo gutorwa ubwavyo bitunganijwe.

Amatora muri Amerika

Prezida Trump avuga ko ibizova mu matora bishobora gushikanwa muri Sentare Ntahinyuzwa.

Mu 2000, umudemokarate Al Gore yatsinzwe i Florida hamwe n'amatora y'umukuru w'igihugu ku majwi 537 mu majwi rusangi ashika ku miriyoni zitandatu.

Ibi vyakurikiwe n'ugusubiramwo guharura bitashimwe na bose bigatwara ukwezi - Sentare Ntahinyuzwa ica ishikiriza ingingo ishigikira umurepublikani George W Bush.