Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Karibu sana Jangwani' - umumenyereza Kaze Cedric yageze muri Young Africans
Umugwi Young Africans wahaye ikaze umumenyereza w'umurundi Kaze Cedric yashitse muri Tanzania kuwa kane aje kuba umumenyereza wayo.
Young Africans yamenyesheje iyo nkuru ku rubuga rwawo rwa Twitter, kuwa gatanu yashize umukono ku masezerano y'imyaka ibiri nk'uko uyu mugwi nyene wabitangaje.
Kaze aje gukorera mu ngata umunye Serebiya, Zlatko Krmpotic yari amaze muri uwo mugwi imisi 37 gusa.
Muri uyu mugwi ahasanze umukinyi w'imbere w'umurundi Saido Ntibazonkiza wawujemwo muri iyi ndwi. Eka n'umunyarwanda Haruna Niyonzima wawugiyemwo ku mpera y'umwaka uheze.
Kaze ni inde?
Ku myaka 40, ni umwe mu batoza b'abarundi bakiri bato agiye kumenyereza umwe mu migwi izwi cane mu karere k'ibiyaga binini. Afise 'licence' ya FIFA yo kumenyereza yo ku rwego rwa A.
Yahora ari umukinyi wo hagati wa Prince Louis Rwagasore FC i Bujumbura, hanyuma aza no kuyibera umumenyereza.
Yagaragaje ubuhinga mu kumenyereza ari muri Atletico Olympic FC aho yatwaye ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Burundi, mbere aba umumenyereza w'umwaka 2010/2011.
Hanyuma yagiye mu Rwanda aba umumenyereza wa Mukura VS (2013 - 2014) imbere yo kuja kuba umumeyereza mw'ishure ry'umupira rya Barcelone (FC Bescola Soccer School) i Edmonton muri Canada.
Yaramenyereje kandi imigwi nserukiragihugu y'Uburundi y'urwaruka, eka n'umugwi nserukiragihugu w'abakuze, akaba yahagarariye inkino z'iyo migwi zishika 70 hagati y'umwaka wa 2009 na 2015.
Young yiteze vyinshi
Young Africans batazira 'Yanga' canke 'Wana Jangwani' ni wo mugwi watwaye ibikombe vya shampiyona ya Tanzania vyinshi, 22, ariko kuva mu 2017 nturasubira gukoza iminwe ku gikombe.
Umukeba wawo Simba Sport Club ni wo umaze iyo myaka itatu wikurikiranya gutwara ico gikombe.
Uvuga ko witeze vyinshi ku mukinyi w'imbere, Saido Ntibazonkiza eka n'umumnyereza Kaze Cedric.
Mu kumuha ikaze iyi kipe yanditse kuri Twitter iti: "Karibu sana Jangwani..."