USA itegura kugabanya ikiringo ca viza gushika ku myaka ibi ku banyeshure bava muri Africa

Umunyafrika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Amategeko mashasha yerekeye abimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ashobora gutuma abanyeshuri benshi bo muri Afurika muri iki gihugu bisanga mu kangaratete bikaba ngombwa ko bategerezwa gusaba ayandi ma viza batararangiza amashure yabo.

Integuro yashikirijwe n'ubunyamabanga bujejwe umutekano mu gihugu (DHS), iriko irigwa muri kino gihe, yerekana impinduka ku bijanye n'ama viza y'abanyeshuri yahora atangwa afise ikiringo cose bazomara bariko bariga.

Mu gihe abanyeshuri bakomoka mu bihugu vyinshi bazoronswa ama viza y'imyaka ine, hari abandi atazorenza imyaka ibiri gusa.

Ubunyamabanga bujejwe umutekano mu gihugu buvuga ko iyi ngingo ifashwe kubera impungenge nyinshi zijanye na "magendo, ubugizi bwa nabi hamwe n'umutekano w'igihugu".

Abantu bakomoka mu bihugu, harimwo na Sudani, bashizwe ku rutonde na Amerika nk'ibihugu bifasha abakora iterabwoba nibo ahanini bazokorwako n'iyi ngingo.

Ariko kugeza ubu, igice kinini ni abava mu bihugu bifise abantu bavyo barenga 10% bafise amaviza yabo yarengeje ikiringo.

Muri ibi harimwo Nijeriya aho mu 2019 yari ku rugero rwa 13% rw'abarengeje iminsi yo kuba muri ico gihugu nk'uko vyerekanwa mu biharuro bitangwa na leta.

Ibindi bihugu bifatwa n'iyi ngingo harimwo:

  • Burkina Faso
  • Burundi
  • Kameruni
  • Repubulika ya Demokarasi ya Kongo
  • Gabon
  • Gambiya
  • Liberiya
  • Malawi
  • Uganda