Uganda: umupolisi n'umuzamu bafashwe inyuma y'umuriro wadutse muri kaminuza ya Makerere

Yatangajwe

Umupolisi n'umuzamu bafashwe muri Uganda, mu gihe amatohoza akibandanya mu muriro wahitanye inyubakwa nyamukuru ya kaminuza ya Makerere.

Ejo ku wa Mungu, umushikiranganji w'indero yasavye ko hakorwa amatohoza yimbitse ku muriro wahitanye inyubakwa yari isanzwe irimwo ibiro vyinshi vy'ubuyobozi bw'iyi kaminuza, harimwo n'ibiro vy'icegera c'umukuru wayo.

Umuvugizi w'igipolisi Fred Enanga avuga ko igipolisi kiriko kirihweza nimba harabaye ugusamara kw'abajejwe umutekano, canke nimba ataboba bari bataye ikirindiro.

Icateye uwu muriro gushika ubu ntikiramenyekana, mu gihe abariko barakora aya matohoza batarashobora gushika hagati muri iyi nyubakwa.

Hari ubwoba ko iyi nyubakwa ishobora guteza akaga kuko inkuta nyinshi zatse imigaga, kandi n'ayandi magorofa akaba yarahiye aratokombera.

Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka baguma barikanuye inyuma y'aho ejo ku wa Mungu mw'ijoro haduze uwundi muriro, abategetsi bakavuga ko wavuye ku bushuye buri mu bisigazwa.

Bivugwa ko umuriro wa mbere wadutse uvuye mu biro bimwe vyo mw'igorofa ya gatatu, maze imbaho zitandukanya ivyumba zica zirafatwa, imbere yo gutandukira igorofa yose.

Mu nyuma waciye ukwiragira mu magorofa yandi, uhitana ikintu ico ari co cose kiretse inzu yo mu kuzimu.

Impapuro zerekana ubutunzi bw'amafaranga hamwe n'izindi zari zibitse amakuru ngirakamaro zose zarahiye zicika umunyota.

Hari hasigaye ukwezi kumwe gusa kugira ngo isubire kwugurura ku banyeshure bari mu mwaka wa nyuma, inyuma y'aho ingingo za coronavirus zitezuriwe.

Abategetsi bamenyesha ko ivyononekaye muri uwu muriro bitazotuma ingingo yafashwe yo gusubira kwugurura isubira inyuma.

Makerere, ishure kaminuza imaze imyaka myinshi mu karere kose ka Afrika y'Ubuseruko, ni ikigo gikomeye cane c'irahuriro ry'ubumenyi ku mugabane wa Afrika, kikaba cakira abanyeshure bava mu karere kose.