Abantu 148 bapfunzwe mu migumuko yadutse nijoro PSG itsinzwe na Bayern

Yatangajwe

Igipolisi c'u Bufaransa kimenyesha ko cataye muri yompi abantu 148 inyuma y'imigumuko yadutse ku mugwa mukuru iturutse ku gutsindwa kwa Paris St-Germain mu rukino rwa nijoro.

Nijoro ku wa Mungu, uyu murwi wo mu Bufaransa PSG watsinzwe igitsindo kimwe ku busa n'umurwi Bayern Munich wo mu Budagi mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rihuza imirwi ybaye iya mbere i Bulaya (Champions League).

Iyo mishamirano yadutse kw'ibarabara Champs-Élysées no mu micungararo yikibuga c'umupira ca PSG, Parc des Princes, ahari hakoraniye abafana b'uyu murwi baraba uru rukino kuri televiziyo nini.

Muri iyo migumuko, amamodoka yaraturiwe amadirisha y'amaduka nayo aramenagurwa nk'uko bivugwa n'igipolisi.

PSG yariko irondera gutsindira iryo higanwa ubwa mbere mu mateka yayo, ariko ntivyayikundiye.

Muri urwo rukino, Kingsley Coman yahoze akinira uyu murwi nyene wa PSG niwe yawuhumiye ku munota wa 59 muri urwo rukino rutari rworoshe, mu kwinjiza igitsindo n'umutwe ku mupira yari ahawe na Joshua Kimmich.

Mu gihe amaso yose yari ku bakinyi b'ibihangange babiri ba PSG, Neymar na Kylian Mbappe, umunyegori wa Bayern Manuel Neuer yarababereye ifuro ry'igiti mu guhagarika imipira yari igoye yaboneka ko yashobora kuvamwo ibitsindo.