Coronavirus - Africa: Hari icizere ko ibitigiri vy'abandura biriko biragabanuka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ikigo kijejwe kurwanya no gukinga indwara muri Afrika (CDC) kimenyesha ko mu ndwi iheze ibitigiri vy'abanduye coronavirus ku munsi ku munsi vyagabanutse.
Ku mugabane wose, urugero rw'abanduye ku munsi ku munsi rwageze ku bantu 10.300 mu ndwi iheze, ibiharuro biri munsi ugereranije n'ivy'abari banduye mu ndwi y'imbere yayo vyari 11.000.
Dr John Nkengasong arongoye ikigo CDC avuga ko ibi "bitanga umwizero".
Gushika ubu, umugabane wose wa Afrika umaze kugira abantu bashika 1,147,369 banduye coronavirus, abarenga igice c'abo bakaba ari abo muri Afrika y'Epfo, hamwe n'abashika hafi 26.000 bapfuye.
Dr Nkengasong avuga ko afise icizere "ko dutanguye gutera intambwe buhoro buhoro", ariko yongerako y'uko "hakiri kare cane, cane koko - duhanganye n'umugera uteye ubwoba cane kandi ukwiragira ku muvuduko munini".
Ati: "Aya makuru dutegerezwa kuyakira twiyubara cane ", agasibura ko adashaka ko abantu bijajara ugasanga bariyibagije ingingo zo kuzibira ikwirakwira ryawo.
""Ntidushaka na gato ko abanyagihugu bacu berekana ko barushe, maze ugasanga natwe turatezuye mu rugamba rwo kurwanya uwu mugera".
Asaba abanyagihugu kubandanya n'utwigoro two guhagarika ikwirakwira ry'umugera.
Ashimikira cane cane ko abanyagihugu bobandanya bambara udupfukamunwa, bakabandanya bakurikira ingingo yo gutandukana, kandi ibikorwa vyo gupima bikabandanya.
Dr Nkengasong avuga kandi ko ku mugabane wose abarenga imiliyoni 10 bashoboye gupimwa, Afrika y'Epfo ikaba ari kimwe mu bihugu vyapimye abantu benshi.
Ibitigiri vy'abanduye n'abamaze gupfa biri hasi ugereranije n'ahandi kw'isi nka Bulaya, Amerika y'Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika aho yonyene gusa ifise abarenga imiliyoni zitanu n'igice z'abanduye.
Hagati aho, abahinga bamwe bamwe baragabisha ko muri Afrika ibitigiri vy'abanduye bishobora kuba bisumba ibitangazwa kubera ubushobozi buke bwo gupima.
Mu ntango, vyasa n'uko umurindi w'ikwirakwira ry'uwu mugera wari ku rugero ruto, ariko rukaba rwagiye ruriyongera bukebuke, cane cane muri Afrika y'Epfo.
Ishure kaminuza yo muri Amerika Johns Hopkins ikurikiranira hafi uwu mugera rivuga ko Afrika y'Epfo ifise abantu 596.060 bawanduye, igitigiri kirenga igice c'abanduye ku mugabane wose wa Afrika, ikagira gatanu kw'isi.
Abandura bagiye baragabanuka, ivyo bituma ibitigiri ku mugabane wose navyo bigabanuka.
Igitigiri co kw'isonga cageze ku barenga 12,000 bandura ku munsi, iki kikaba caragabanutse cane gushika ku rugero rwa 5,000.
Igihugu ca Afrika gikurikira ku rutonde rw'ibihugu bifise abanduye benshi ni Misiri, ikaba iza mu kibanza ca 31 kw'isi n'abandu 96,914 banduye.










