Coronavirus: Afrika y’Epfo yatezuye ingingo za guma mu rugo

Perezida Cyril Ramaphosa asaba abanyagihugu ko batokwijajara ngo ni uko hari icizere c'agaengwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Cyril Ramaphosa asaba abanyagihugu ko batokwijajara ngo ni uko hari icizere c'agaengwe, aho yari yagendeye ivuriro rivura Covid-19
Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo avuga ko ibitigiri vy'abandura coronavirus mu gihugu bisa n'ivyageze kw'isonga, aca atangaza ingingo yo gutezura ingingo za guma mu rugo.

Perezida Cyril Ramaphosa amenyesha ko hafi ingingo zose zafashwe mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera zizotangura gutezurwa kuva ejo ku wa mbere.

Eka n'ingingo yateye impari cane yo kubuza urudandaza rw'inzoga n'itabi izovaho.

Ingendo zo hagati mu gihugu, amakoraniro mato mato y'imiryango hamwe n'ibikorwa vy'ubutunzi bizosubira kwemererwa.

Hagati aho, avuga ko hariho zimwe zimwe zizogumaho, harimwo izijanye n'abinjira mu gihugu bavuye hanze, amakoraniro y'abantu barenga 50 hamwe n'amakoraniro y'inkino.

Mw'ijambo ryiwe rya nijoro ku wa gatandatu kuri televiziyo, Bwana Ramaphosa avuga ko iryo tezurwa rizotuma ubutunzi bw'ico gihugu busubirana itoto inyuma y'igihe kirekire igihugu kiri mu bihe bigoye.

Hagati aho, asaba abanya Afrika y'epfo ko batokwijajara imbere ya Covid-19 n'aho hari ibimenyetso "vy'agahengwe", akanagabisha ko ibintu bishobora kuba nabi mu minsi iri imbere.

Gushika ubu, iki gihugu gifise abarenga igice c'abanduye coronavirus ku mugabane wose wa Afrika, aho abarenga 570.000 ari bo bamaze kwandura, nayo 11,500 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

Afrika y'Epfo kandi nico gihugu kigira gatanu kw'isi mu bitigiri vy'abanduye uwu mugera, inyuma ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Brezili, Uburusiya n'Ubuhindi, ariko abandura bakaba batanguye kugabanuka mu minsi iheze.

Bwana Ramaphosa avuga ko ibitigiri biherutse gutangazwa vyamanutse biva ku 12.000 bishika ku 5000 mu ndwi iheze.

Ibiharuro vy'abakirwaye vyaragabanutse gushika ku 105.000 kandi ibitigiri vy'abakira bikaba vyaraduze gushika ku bice 80%, nk'uko bimenyeshwa n'umukuru w'ico gihugu.

Mu kwa gatatu, leta ya Afrika y'Epfo yarafashe ingingo za guma mu rugo zikomeye cane, aho imbibe z'igihugu zugawe, amashure arugarwa, urudandazwa rw'inzoga rurahagarikwa, maze abanyagihugu bategekwa kuguma muhira.

Izo ngingo zizwi ko zatumye umugera wa coronavirus udakwirakwira n'umurindi munini, bituma ibisata bijejwe amagara y'abantu vyoroherwa mu kwakira abarwaye.

Agahengwe kamaze kuboneka, leta yaciye itangura gutezura buke buke mu kwa gatandatu, ariko ingingo ruhasha zikaba zasubiriye gufatwa mu kwezi guheze inyuma y'aho ibitigiri vy'abanduye bisubiriye kuduga.

Igihugu caciye gishirwa mu mategeko adasanzwe gushika ku wa 15 z'ukwa munani.

Ingingo zafashwe zariyamirijwe n'abanyagihugu, mbere n'abafise amazu y'uburiro n'inyobwa bakaba bariyamirije cane iyo ngingo yo kubuza urudandaza rw'inzoga.

Intara ya Gauteng, umushinge w'ubutunzi bw'ico gihugu, niyo yasinzikaye cane gusumba izindi.