Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: Bwa mbere mu myaka 11 Ubwongereza bwaguye mu bihe bibi cyane by'ubukungu
Bwa mbere mu myaka 11 ishize Ubwongereza bwageze mu bihe bibi cyane by'ubukungu (recession) kubera ingaruka za coronavirus.
Ubukungu bw'Ubwongereza bwagabanutseho 20.4% hagati y'ukwezi kwa kane n'ukwa gatandatu, ugereranyije n'igihembwe cya mbere cy'uyu mwaka.
Kuva mu 2009 nibwo bwa mbere Ubwongereza buguye mu bihe nk'ibi mu bihembwe bibiri byikurikiranya mu mwaka umwe.
Ikigo cy'ibarurishamibare cy'Ubwongereza kivuga ko ubukungu bwongeye gutangira kuzahuka guhera mu kwezi kwa gatandatu ubwo ingamba zo kubuza abantu kugenda zoroshywaga.
Iki kigo kivuga ko urwego rwo kwakira abantu ari rwo rwazahaye bikomeye.
Jonathan Athow wo muri iki kigo yagize ati: "Ubukungu bwatangiye kuzahuka mu kwezi kwa gatandatu ubwo amaguriro yafunguraga, inganda zongera gutanga umusaruro n'ubwubatsi bukomeje kuzahuka".
Yongeraho ati: "Nubwo bimeze bityo ariko, umusaruro mbumbe w'igihugu ukomeje kuba munsi ho 1/6 uko wari uri mu kwezi kwa kabiri mbere y'uko iyi virusi itera".