Casillas yahoze ari umunyegori wa Real Madrid na Espagne arasezeye mu mupira w'amaguru

Yatangajwe

Iker Casillas Fernández yahoze ari umunyezgori wa Real Madrid n'umurwi nserukiragihugu wa Espagne yasezeye mu mupira w'amaguru afise imyaka 39.

Casillas yakinye inkino 725 muri Real Madrid mu kiringo cose c'imyaka 16 yakiniye uyo murwi, atsindira ibikombe bitatu vya Champions League hamwe na bitanu vy'ihiganwa La Liga ryo muri ico gihugu.

Yafashije kandi Espagne gutwara igikombe c'isi ca 2010 hamwe n'amahiganwa abiri y'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ya Bulaya mu 2008 na 2012.

Casillas yinjiye muri Porto mu 2015 ariko kuva mu kwa kane 2019 akaba atashoboye gusubira gukina kubera indwara y'umutima yamufashe ari mu myimenyerezo.

Amaze gukira yahawe igikorwa co kuba mu bamenyereza b'uyo murwi mu kw'indwi 2019.

Atangaza ikukuruka ryiwe ku rubuga rwa Twitter, Casillas yanditse ati: "Ikintu nyamukuru ni urugendo ufata hamwe n'abantu baguherekeza, ntabwo ari iyo uja.

"Nibaza ko nshobora kuvuga ntakekeranya ko ari yo nzira kandi ishikana kw'ihangiro".

Real Madrid yavuze ko Casillas yinjiye muri ivyo bihangange vya Espagne afise imyaka icenda, yabaye umunyegori rurangiranwa mu mateka y'uyu murwi mu myaka 118 umaze.

Ku rubuga rwayo, Real Madrid yanditse iti: "Real Madrid irashaka kwerekana ko ishimira, ko yishimiye kandi ko ikunda umwe mu bihangange vy'umurwi wacu ndetse n'umupira w'amaguru kw' isi".

"Iker Casillas ni inkoramutima kuri Real Madrid kandi bizokwama uko imyaka n'imyaka ".