Kenya yahagaritse ibikorwa vy'utubare kubera coronavirus yabaye ndanse

Abantu bario baranywa mu kabare i Nariobi
Insiguro y'isanamu, Utubare muri Kenya twugawe ikiringo kitazwi
Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Kenya ahejeje kwongereza ikiringo co kudatembera mu masaha y'ijoro mu kindi kiringo c'iminsi 30 mu gihugu cose kubera ibitigiri vy'abandura umugera wa coronavirus bibandanya vyiyongera cane mu gihugu.

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'umubonano na ba buramatari b'intara, Perezida Uhuru Kenyatta yatangaje ingingo yo kwugara amazu y'ubunywero mu kiringo kitazwi guhera uyu munsi ku wa mbere isaha zitandatu z'ijoro.

Yatangaje kandi ko kizira kikaziririzwa kudandaza inzoga mu mazu y'uburiro.

Yavuze ko uwuzofatwa ariko aracuruza inzoga aho ariho hose bazoca bamwaka burundu uburenganzira bwo gusubira gucuruza.

Hari haciye iminsi 21 leta itangaje ingingo zo gutezura, ariko ikaba yari yagabishije ko itazohigitanya gusubira gufata ingingo ruhasha mu gihe ibintu vyobandanya biba nabi.

Perezida Kenyatta avuga ko atewe impungenge n'ingene uwo mugera ugenda wiyongera ku rugero ruteye ubwoba mu rwaruka avuga ko "inyifato yabo y'urwangara iriko irata igihugu mu kaga".

Asaba abanyagihugu bose ba Kenya kwitaho amagara yabo bakifatira ingingo yo gukingira ubuzima bwabo bo nyene ubwabo kuko "leta idashobora gukwiza abapolisi ahantu hose".

Ati: "Igihe kirageze kugira ngo buri wese arabe igisumba ikindi, nk'abavyeyi, nka benewacu na bashiki bacu, buri muntu akibaza ico ajejwe ku bamukikije n'abo ajejwe. Ntidushobora kuronka umupolisi ku muhana umwe umwe wose.

"Abakenya 280 baramaze kuhasiga ubuzima kandi n'abandi baracapfa. Ikibazo ni ukumenya gusa nimba ivyo biharuro hazogera igihe bikagabanuka canke nimba tugiye guhura n'ibiza. Ikigaragara ni uko turi mu ntambara n'umwansi ataboneka kandi ruburakigongwe".

Prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta

Ahavuye isanamu, Kenya State House

Insiguro y'isanamu, Prezida Kenyatta yafashe ingingo ahejeje kubonana n'abakuru b'intara

"Nimba umuntu yinjiye mw'iduka ryawe, nawe ukaba ufise ivyo udandaza aje kurondera, mu gihe adafise agapfukamunwa, mutegeke akambare!"

Abamaze kwandura ico kiza karanda ca Covid-19 mu gihugu cose barenga 17.000, igitigiri kibandanya ciyongera umunsi ku munsi.

Muri iyi minsi ibiri ikurikirana, habonetse ibitigiri binini vy'abanduye uwo mugera.

Ejo ku wa Mungu, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ico gihugu bwatangaje ko abashika 960 ari bo banduye mu bantu 8,261 bapimwe mu kiringo c'amasaha 24 gusa.

Kuri uyu wa mbere naho, ubwo bushikiranganji bwatangaje abashika 892 banduye mu bantu 8261 bapimwe mu kiringo c'amasaha 24.