Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yabuze umuntu wa mbere ahitanywe n'ikiza ca Covid-19
Ubushikiranganji bujejwe amagara bwemeje ko uwo yahitanywe na Covid-19 ari umugore w'imyaka 39 wo mu karere ka Namasindwa hafi y'urubibe na Kenya, nyuma yo gupima ikiza ciwe.
Ariko abajejwe amagara bavuze ko naho urubibe rudakingiye, nta cerekana yuko yoba yaragiye muri Kenya, igihugu kirimwo abanduye benshi kurusha Uganda.
Uwo mugore yari umufasha w'abaganga ku bitaro, akaba yashikanywe kwa muganga itariki 15 z'uku kwezi kw'indwi arembejwe n'umusonga, aca acikana haciye iminsi umunani.
Ubushikirangani bujejwe amagara muri Uganda buvuga ko abantu mirongo itatu bashobora kuba baregeranye n'uwo mugore bashizwe mu kato, bakaba bakiriko bararondera n'abandi boba baramushitse hafi.
Uganda yaratanguye intambwe zo gukurako amategeko ya "guma muhira" mu kwezi kwa gatanu kandi kuwa gatatu yaremereye abadandaza mu bice vyinshi bituwe cane vya Kampala, gusubira kwugurura.
Gushika ubu muri Uganda haramaze kuboneka abantu 1079 banduye Covid-19.