Coronavirus: OMS itangaza ko habonetse igitigiri c’abanduye kitari bwigere kibaho mu munsi umwe

Covid-19 patient

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS nijoro ryatangaje ko igitigiri c'abanduye umugera wa coronavirus kw'isi cageze ku bantu 260.000 mu masaha 24, igitigiri kitari bwigere kibaho.

Nk'uko bivugwa na OMS, nibwo bwa mbere igitigiri c'abanduye ku munsi kirenga ica kane c'umuliyoni kuva ico kiza karanda caduka.

Ibitigiri binini vy'abanduye vyibonekeje mu bihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Brezili hamwe na Afrika y'Epfo.

Igitigiri c'abahitanywe n'uyu mugera naco nyene caraduze gushika ku 7.360 - kikaba ari co kinini kuva ku wa 10 z'ukwa gatanu.

Gushika ubu abamaze kwandura coronavirus kw'isi bararenga imiliyoni 14, nayo abarenga 600.000 baramaze guhitanwa nayo, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vyegeranijwe n'ishure kaminuza yo muri Amerika John Hopkins.

None ibintu bimeze gute?

Muri Amerika, ibitigiri bibandanya biduga mu ntara zitari nke, cane cane mu ntara zo mu bumanuko mu ntango zabanje kunana mu gufata ingingo za Guma mu rugo canke gutegeka abanyagihugu kwambara udupfukamunwa.

Intara za Texas, Florida na Arizona nizo ntara zabonye ibitigiri birenze vy'abandura.

Mu gufata ingingo zo guhagarika ikwirakwira ry'uwu mugera haragiyemwo cane politike muri ico gihugu.

Umuhinga mukuru mu vyo indwara zandukira muri ico gihugu, Muganga Anthony Fauci, asaba abategetsi b'intara n'uburere gushiramwo inguvu bagategeka abanyagihugu bambare udupfukamunwa.

Hagati aho Perezida Donald Trump avuga ko ata tegeko ashobora gutanga ku rwego rw'igihugu ngo abanyagihugu batwambare.

Ibindi bihugu bibangamiwe harimwo Berezili, igihugu kigira kabiri kw'isi mu bitigiri vy'abanduye coronavirus.

Ikindi gihugu ni Ubuhindi, aho ku wa gatandatu abanduye bashitse ku 34.884 mu masaha 24, nayo 671 bakaba barahitanywe nayo.

Ikindi gihugu kiri ku mugabane wa Afrika, ico naco ni Afrika y'Epfo, iki naco kikaba ari co gihugu ca mbere kuri uyu mugabane gifise ibitigiri binini vy'abanduye. Mu masaha 24, handuye abarenga 13.00, mu gihe aba,aze kwandura bose hamwe bashika 350.879.

Ku mugabane wa Bulaya, ibihugu bitari bike vyo mu burengero vyovyo biriko biratezura ingingo za Guma mu rugo kubera vyashoboye kurwanya biboneka uyu mugera.

Hagati aho, hari uburere bumwe bumwe bw'igihugu ca Espanye buriko bubona ibitigiri vy'abandura bigenda vyiyongera, akarere kabangamiwe kakaba ari Catalonye kari mu buraruko bushira ubuseruko.

Hari ingingo ziriko zirafatwa mu ntumbero yo guhagarika uwo mugera.

Igihugu c'u Bufaransa gihana urubibe n'ico gihugu naco nyene kiriko kiraraba ingene cokwugara uruja n'uruza kuri urwo rubibe kugira ngo gishobore guhangana n'iryo yongerekana rya coronavirus muri Espanye.