Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Umuriro wadutse mw’isengero nkuru rya Nantes
Isengero rikuru Saint-Pierre-et-Saint-Paul ryo mu gisagara ca Nantes mu Bufaransa ryatewe n'umuriro w'icaduka.
Abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka barenga 60 nibo bashitse kuri iryo sengero kugira bagerageze kuwuzimya nk'uko bivugwa n'ibiyamakuru vyaho.
Nta wuzi icateye uwu muriro.
Amasanamu ava aho ivyo biriko biba yerekana umuriro n'umwotsi biva muri iyo nyukabwa.
Uyu muriro wadutse haciye umwaka umwe gusa uwundi muriro ukoze ibara kw'isengero rikuru Notre-Dame mu gisagara ca Paris, rimwe mu mitungo ya kahise k'u Bufaransa.
Televiziyo BFM TV, itangaza ko abapolisi muri ico gisagara ca Nantes kiri mu buraruko bushira uburengero bw'u Bufaransa batumweko hafi isaha imwe n'iminota 44 mu gatondo.
Umwe mu babibonye avuga ko yashobora kubona uwo mucanwa ari muhira, hafi y'iryo sengero. Avuga ko yakanguwe n'urwamo rudasanzwe rw'inkengeri.
Ati: "Ku vyo mbona, ni uko umwotsi utera wongerekana".
Iryo sengero sibwo bwa mbere riterwa n'umucanwa. Mu 1972, umuriro warasambuye igisenge caryo, bituma ryugarwa mu kiringo c'imyaka itatu ririko rirasubirwamwo.