Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuriro wadutse wishe 10 i Paris mu Bufaransa
Abo mu gisata c'impanuka zitewe n'umuriro bavuze ko abantu 10 barimwo uruhinja ko aribo bapfuye mu muriro wadutse ku nyubakwa y'igorofa umunani mu bumanuko bushira uburengero bw'umugwa mukuru Paris.
Hafi abantu 30 - barimwo abazimya muriro batandatu - nibo bakomeretse, umwe muri bo akaba aremvye cane.
Abantu 50 bashoboye gutabarwa hakoreshejwe ingazi, mw'iryo sanganya ry'umuriro ryadutse muri arondisema ya 16.
Umushikirizamanza wo mu gisagara ca Paris yavuze ko uwo muriro woba wadometswe n'ibigirankana, igipolisi kikaba cafashe umugore ari mu bikekwa.
Habaye iki?
Uwo muriro wakwiye mu magorofa abiri y'iyo nyubakwa yubatswe mu myaka y'i 1970 kw'ibarabara Erlanger, bituma abantu bahaba baja kwikinga urubeya hamwe n'imwotsi hejuru kw'idari.
Amafoto yerekana imbeya z'umuriro mw'idirisha ry'igorofa ya nyuma, abazimya muriro baduga ingazi.
Abazimyamuriro 250 nibo bagomowe mu kibanza iyo mpanuka yabereyemwo hafi y'ikibuga co kuruhukiramwo ca Bois de Boulogne, bafasha gutabara abari kw'idari.
Umuvugizi wabo yagize ati: "Igihe twashika, twabona umengo n'umuhero w'isi. Abantu benshi bari mu madirisha baguma basaba icoza kubatabara."
Ikigo c'itangazamakuru BFMTV cavuze ko abazimyamuriro batandatu bari mu bakomeretse.
Icegera c'umukuru w'igisagara ca Paris, Emmanuel Grégoire, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko abazimyamuriro bavyitwayemwo neza igihe bariko batabara abantu.
Uwo muriro washoboye guhagarikwa inyuma y'amasaha atanu, ariko igitigiri c'abapfuye gishobora kuguma ciyongera, nkuko vyavuzwe n'umuvugizi wo mu gisata c'impanuka zitewe n'umuriro avugana n'ikigo c'itangazamakuru AFP.
Umumenyeshamakuru wa BBC Hugh Schofield avuga ko umuntu atashobora kubona uwo muriro ari ku mpera y'ibarabara, mu gihe ryari rimaze kwugagwa.
Bitewe nuko iyo gorofa yari mu kigo, abazimyamuriro ntiborohewe mu gikorwa cabo kuberako batashobora gukoresha imiduga yabo.
Ikinyamakuru Le Parisien kivuga ko abantu baba mu nyubakwa zihegereye bahungishijwe, abajejwe intwaro mu gisagara bakaba bariko babaronderera ahandi baba barabaye.
Amatohoza ageze kuki?
Amatohoza yatanguye yo kumenya uwatumye abantu bapfa mu kudomeka uwo muriro, nkuko vyashikirijwe n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, yarungitse ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze, kandi akaba yitezwe gushika mu kibanza iyo mpanuka yabereyeko ari kumwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Christophe Castaner.
Haheze amayinga abantu bane bapfuye mu gituruka cabaye mu kibanza co gucumbiramwo imikate hagati mu gisagara.