Mw'isengero Notre Dame habaye imisa ya mbere kuva ihiye abapatiri bambaye inkofero zera

Yatangajwe

Ejo ku munsi wa gatandatu, niyo haba imisa ya mbere kw'isengero Notre Dame i Paris mu gihugu c'Ubufaransa, inyuma y'aho ihiriye mu kwezi kwa kane kw'uno mwaka.

Muri iyo misa yari irongowe na musenyeri wa diyoseze ya Paris Michael Aupetit, abapatiri bari bambaye inkofero zikomeye (casques) zera.

Iyo misa yahuriyemwo abantu bake bari bagizwe n'abakuru ba Ekleziya Katolika, abakozi b'iyo Ekleziya hamwe n'abandi, harimwo n'abariko barasanura iyo sengero.

Igihe iterwa n'umuriro, abantu bari bafise ubwoba ko ishobora gusha ikazimangana inyuma y'imyaka amajana umunani (800) yari imaze.

Abajejwe kuzimya imicanwa y'ivyaduka bashika 500 bakaba barashoboye kuzimya uwo muriro wamaze ikiringo c'amasaha icenda, mbere igice kitari gito co hagati muri iyo nyubakwa kikaba ataco cabaye.

Emmaneul Macron, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, akaba yihaye intumbero y'uko urwo rusengero rusanurwa mu kiringo c'imyaka itanu.

Yavuze ati: "Iyi sengero tugiye kuyisanurira hamwe kuko ata nkeka ko ari imwe mu bigize inzira yacu nk'abafaransa muri kazoza".

Uwo muriro wadutse mw'iyo sengero kw'igenekerezo rya 15 z'ukwa kane uno mwaka, hari mu gihe c'i Karema, umunara hamwe n'urusenge bikaba vyarasenyutse. Ariko Altari, umusaraba mukuru uri kuri Altari bikaba biri mu bitahiye.