Malawi: Prezida Lazarus Chakwera ngo azokwirukana abashikiranganji bazonanirwa

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Umukuru w'igihugu mushasha wa Malawi, Lazarus Chakwera, ariregura ku vyo yagirizwa ko yakoresheje ka mwana wa mama mu gutora abashikiranganji, akavuga ko afise igituma yatoye abo yagenye.
Mu bagize inama nshinkiranganji yiwe, harimwo umugabo n'umugore hamwe n'abandi bafitaniye isano hagati yabo.
Harimwo kandi n'ubushikiranganji bwahawe abarwizatunga bakomeye, ivyatumye havyuka ibibazo vyo kuvanga amabanga.
Sidik Mia yifatanije n'umukuru w'igihugu mu matora yo mu 2019 yagenywe kuba umushikiranganji wo kwunguruza ibintu n'abantu, umugore wiwe nawe Abida Mia aba icegera c'umushikiranganji w'ubutaka.
Perezida Chakwera yabwiye BBC ati: "Abanegura bafise kuba bari mu kuri [ariko]…bompi ni inzobere muri politike".
Kenny Kandodo ni umushikiranganji mushasha w'akazi, mushikiwe nawe, Khumbize Kandodo, akaba umushikiranganji w'amagara y'abantu.
Umukuru w'igihugu kandi yaragenye umuhungu w'umwe mu bamushigikiye mbere bamuboneye izuba, Joyce Banda.
Ariko Bwana Chakwera avuga ko ikibazo atari ico abashikiranganji bari, ariko ico bazomara.
Ati: "Ibi bizokwihwezwa kuko utegerezwa gukora ico ujejwe, gukora kugira ngo utange intererano yawe mu kwubaka igihugu, utabishoboye uragenda nta kibuza".
Nayo ku kibazo nimba ata ngorane kubona umukuru w'ikinyamakuru ahabwa ubushikiranganji bw'ukumenyesha amakuru, co kimwe n'abandi barwizatunga mu bibanza bikomakomeye, yishura ati:
"Mu gihe bazokora ibitajanye n'amategeko…baragenda… vyose nzoba ndabifise mu minwe kandi inkware zisezerana mu masesa".










