Ibipulizo biriko bikoreshwa mu gutanga internet inyaruka muri Kenya n'akarere

Ibipulizo 35 vyararungitswe mu kirere bigatanga umuhora ufise inguvu za 4G
Yatangajwe

Abantu ibihumbi n'ibihumbi mu karere ka Afrika y'Ubuseruko bashobora kuronka internet inyaruka kandi ku giciro kitavuna kubera umugambi wo kuronsa internet abayikeneye hakoreshejwe ibipulizo biri ku burebure bwa kilometero hafi 20 uja mu kirere.

Uwo mugambi ufasha abakoresha internet gushobora gukoresha imbuga ngurukanabumenyi, guhanahana amakuru, guhamagarana babonana mu buryo bw'ireresi hamwe no gushikiriza amakuru ikibiriraho ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uwo mugambi watangujwe n'ikompanyi y'itumatumanako yegukira leta, telkom Kenya, ifadikanije n'iyindi ikorana na Google, Loon LLC, mu ntumbero yo gushoboza abanyagihugu kuronka umuhora wa internet mu buryo bworoshe.

Gushika ubu, ibipulizo 35 vyararungitswe mu kirere bikaba bitanga umuhora ufise inguvu za 4G mu bisagara birenga cumi mu gihugu cose ca Kenya, ku bwaguke bwa kilometero kwadarato 50.000.

Uwo mugambi watangajwe mu kwa gatatu n'umukuru w'ico gihugu Uhuru Kenyatta nk'imwe mu ngingo zo gufasha mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca coronavirus, kugira ngo abantu bashobore gukorera muhira, abana nabo bashobore kwiga baciye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uwo mugambi wategerezwa gushirwa mu ngiro kuva imyaka ibiri iheze, ariko ntivyashobotse kubera ibibazo bijanye n'amategeko.

Wagiye kwugururwa icese kuri uyu wa gatatu n'umushikiranganji ajejwe guhanahana amakuru muri ico gihugu, Joe Mucheru.