Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: leta itangaza ko hari abandi 21 banduye Covid-19
Leta y'Uburundi itangaza ko hari abandi barwari 21 bashasha banduye wa mugera karanda wa coronavirus.
Mwitangazo ryasohowe nijoro n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, abo 21 batowe mu bantu 202 biketswe ko banduye bapimwe hagati yo ku wa 27 gushika ku wa 30 z'ukwezi guheze kwa gatandatu.
Iryo tangazo rimenyesha ko mu barwayi 54 bari basanzwe bariko baravurwa, batatu muri bo ari bo bapimwe bagasanga nta migera bagisigaranye.
Umukuru w'igihugu aherutse gutangaza ko agiye kwitwararika gusumba kurwanya iki kiza, akaba mbere yaranatangaje ingingo zitandukanye mu ntumbero yo guhangana naco.
Gushika ubu, ibiharuro vyerekana ko abantu 191 aribo bamaze kwandura uwo mugera; muri abo 118 bakaba bamaze gukira, nayo 72 bakaba ari bo bakirwaye, umwe akaba yaritavye Imana.
Ubushikiranganji bubandanya busaba abanyagihugu gukurikiza ingingo zo kuzibira kwandura canke kwandura, izo nazo zikaba zirimwo gukaraba n'amazi meza n'isabuni canke arimwo umuti wica imigera.
Ubwo bushikiranganji busaba kandi abanyagihugu kwirinda kuramukanya no guhoberana, kwirinda kwasamurira mu bandi, kwambara udupfukamunwa ku bavuzi, abarwaye covird-19 n'abamaranye umwanya b'abarwaye.
U Burundi ni kimwe mu bihugu ata mategeko ruhasha vyafashe agamije kurwanya ikiza coronavirus, bikaba mbere vyaratumye bwiyamirizwa henshi mu makungu.
Hagati aho, umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kumenyesha ko atanguje urugamba rwo kurwanya ico kiza karanda.
Mw'ijambo aherutse gushikiriza inama nshingamateka ku musi wo kuzahiza leta nshasha ku wa 30/06/2020, Perezida Ndayishimiye yatangaje ingingo zitari nke mu ntumbero yo kurwanya ico kiza.
Yagize ati: "Turasavye umurundi wese, hamwe n'umunyamahanga ari muri iki gihugu guhaguruka kuko akatavuga ntigahenda akavuga".
KLeta y'u Burundi iherutse kwirukana abaserukiye ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS biturutse ku kutabona kumwe ikibazo ca coronavirus.
Hari n'abavuga ko leta yoba inyegeza ibitigiri nyavyo vy'abanduye uwo mugera, ivyo abategetsi b'u Burundi bamirira kure.