Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere wa Israel yarengukishijwe mu butungane
Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu, agiye kuburanywa muri sentare, ibitari bwigere bibaho ku mutegetsi nk'uyu asanzwe akiri mu mabanga.
Bwana Netanyahu yagirizwa igiturire, magendo hamwe no guhemuka.
Ashitse muri sentare i Yerusalemu, uyo mutegetsi w'imyaka 70 yongeye guhakana ivyo yagirizwa, avuga ko abamurwanya barondera "kumubogoza mu buryo bwose bushoboka".
Ivyo bibaye inyuma y'indwi imwe gusa asubiye kwimikwa ngo arongore leta y'ubumwe igiyeho bigoranye.
Uwo bahanganye, Benny Gantz, yaremeye gusangira ubutegetsi nawe inyuma y'amatora atatu mu mwaka umwe gusa yahera ataco ashitseko.
Bwana Netanyahu ariyamiriza ivyo asabwa n'abo batavuga rumwe bashaka ko atanga imihoho mu gihe akiriko araburana.
Benjamin Netanyahu yagirizwa iki?
Bwana Netanyahu afise imanza zitatu zizwi nka 1000, 2000, na 4000.
Urubanza 1000- magendo no guhemuka : yagirizwa ko yahawe igipfukamunwa n'umurwizatunga akomeye kugira ngo nawe amworohereze.
Urubanza 2000 - yagirizwa magendo no guhemuka : yagirizwa ko yemeye gufasha mw'igurishwa ry'ikinyamakuru ca Israyeli, Yediot Ahronot, maze naco kikamwamamaza
Urubanza 4000 - igiturire, magendo no guhemuka : Igihe yari umushikiranganji wa mbere hanyuma n'umushikiranganji wo guhanahana amakuru, bwana Netanyahu yagirizwa gushinga amategeko yorohereza uwutwara ikompanyi Bezeq yo gutumatumanako, Shaul Elovitch, maze nawe akaronka akaryo ko kwamamazwa mu kinyamakuru ngurukanabumenyi Walla ca bwana Elovitch.
Bwana Netanyahu arajhakana yivuye inyuma ivyo yagirizwa, akavuga ko ariko "atotezwa" n'abo batavuga rumwe muri politike, aba arahira akarengwa ko ategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo izina ryiwe ntiricafuzwe.
Ntivyari bwigere bibaho muri ico gihugu aho umushikiranganji wa mbere akiri mu mabanga arengutswe imbere y'ubutungane.
Uwuheruka kurengutswa Ehud Olmert, yabanje gutanga imihoho ku burongozi bw'umugambwe mu gihe yariko akorwako amatohoza ajanye n'ukurya igiturire mu 2008, n'aho asa n'uwagumanye amabanga yiwe gushika habaye amatora mu mwaka wakurikiye - amatora yatumye Benjamin Netanyahu ashika kubutegetsi.
Itegeko rya Israyeli rivuga ko umushikiranganji wa mbere akurikiranwa ku vyaha asabwa gutanga imihoho.
Abanyagihugu ba Israyeli ntibavuga rumwe ku bijanye n'uko yobandanya ari umushikiranganji wa mbere canke ko akwiye gutanga imihoho.
Abamunegura bavuga ko ibiriko biramubako vyo gukurikiranwa n'ubutungane bidashobora kubangikanwa n'amabanga yiwe, mu gihe abamushigikiye bobo - harimwo n'umugambwe wiwe - bavuga ko yatowe n'abanyagihugu, rero ko adashobora guhatwa gutanga imihoho.