Tanzaniya: Umukuru w'ikigo gipima coronavirus yasezerewe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuyobozi w'ikigo co muri Tanzaniya kijewe gusuzuma no gupima ibijanye n'indwara (laboratoire) hamwe n'uwujejwe ubuziranenge muri ico kigo birukanywe.
Iyurukanwa ry'abo bayobozi rishitse nyuma y'umunsi umwe Prezida John Magufuli agize amakenga ku bikoresho bifashisha mu gupima coronavirus muri ico kigo.
Mu butumwa bwo kuri television ikibiriraho ari mu muji avukamwo wa Chato mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya, Bwana Magufuli yashize ahabona ivyo batoye.
Yamenyesheje ko barungitse ibipomo vyatororokanijwe mw'ibanga, harimwo n'ibitavuye ku bantu, ariko babiha amazina y'abantu hamwe n'imyaka.
Yavuze ko bimwe mu bipimo vyakuwe ku bikoko hamwe n'ivyamwa vyazanye ibisubizo bidatomoye, bimwe basanga ata coronavirus ibirimwo hamwe n'ibindi vyerekanye ko biyifise.


Bwana Magufuli yagize ati: "Nk'akarorero amavuta yo mu modoka, yiswe Jabir Hamza w'imyaka 30, basanze atarwaye. Twarungitse ibipimo bivuye ku camwa c'amufe twise Sara Samweli, umugore w'imyaka 45 - ibisubizo vyaje ntivyatomotse.
"Turungitse ibipimo bivuye ku papayi twise Elizabeth Anne, w'imyaka 26, iyo papayi bavuze ko irwaye coronavirus."
Yongeyeko yuko ibipimo vyavuye ku nyoni hamwe n'impene navyo basanze vyaranduye, mu gihe ibindi bipimo vyavuye ku rukwavu ata nyishu vyatanze.
Urwandiko rwavuye mu bushikirangajnji bujejwe amagara rwavuze ko umushikiranganji yashinze umugwi w'abantu 10 bagiye gukora itohoza kuri ico kigo bashikirize ivyo batoye gushika ku tariki ya 13 z'ukwa gatanu.
Gupima coronavirus bizobandanya kubera muri ico kigo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburyo Tanzaniya ikoresha mu kurwanya coronavirus bwariyamirijwe ngo kuko budashemeye kandi bukaba burimwo ibanga ryinshi.
Leta yarateye utwatsi ivyo vyagiriji ikavuga yuko ikurikiza neza amabwiriza yatanzwe n'ikigo mpuzamakungu kijejwe amagara, OMS.
Ibiharuro biheruka gutangwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara, vyashizwe ahabona mu ndwi iheze, vyerekana ko abantu 480 ari bo bamaze kwandura coronavirus, harimwo 167 bakize hamwe na 16 bahasize ubuzima.











