Coronavirus - ONU iti ‘isi ishobora guhura n’amapfa twumva muri Bibiliya’

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko isi ishobora guhura n'amapfa "avugwa muri Bibiliya" bitumwe n'ikiza ca coronavirus.
David Beasley, arongoye ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi PAM/WFP, avuga ko hakenewe gufatwa ingingo zihuta kugira ngo bazibire ayo mahano.
Hari icegeranyo cerekana ko abantu babarizwa hagati y'imiliyoni 135 gushika kuri 250 zirenga bashobora guhura n'ikigoyi.
PAM ivuga ko hari ibihugu cumi bishobora kubangamirwa n'ico kigoyi kubera intambara, ibibazo vy'ubutunzi hamwe n'ihindagurika ry'ikirere.
Icegeranyo kigira kane gisohoka uko umwaka utashe ku bibazo vy'imfungurwa cerekana ko ibihugu vya Yemen, Republika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Afghanistani, Venezuela, Ethiopia, Sudan y'Epfo, Sudani, Syria, Nijeriya na Haiti,ari vyo bishobora guhura n'ico kigoyi.
Ico cegeranyo kivuga ko mu mwaka uheze, ibice 61% vy'abanya Sudani y'Epfo ari bo bahuye n'ibibazo vy'ubukene bw'ibifungurwa.
Eka n'imbere y'uko iki kiza caduka, hari ibice bimwe bime vya Afrika y'Ubuseruko na Aziya y'Ubumanuko vyari mu kibazo gikomeye c'ubukene bw'ibifungurwa bivuye ku ruzuba hamwe n'ibitero vy'inzige.
Mu mubonano yagiranye n'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano aciye ku buhinga bwa videwo, Bwana Beasley yasavye ko isi "ihagurukira rimwe kandi igafata ingingo zihuta".
Ati: "Burya turashobora guhura n'amapfa y'ubwoko bwinshi nk'arya avugwa muri Bibiliya mu mezi make ari imbere. Ikiri ukuri ni uko umwanya uriko uratujana".
Yongerako ati: "Ndemera ko ubuhinga dufise, dukoreye hamwe, dushobora gushira hamwe inguvu be n'imigambi ikenewe kugira ngo ikiza ca Covid-19 nticihe inkumbi kandi ngo kidusige mu kangaratete".
Umuhinga muvyo ubutunzi mw'ishirahamwe OMS, Arif Husain, avuga ko ingaruka z'ico kiza ku butunzi ari mbi cane ku miliyoni " z'abantu basanzwe bageze ahatemba".
Mw'itangazo yasohoye yavuze ati: "Ni amagorwa ku miliyoni z'abandi batari bake basanzwe babeshejweho n'agashahara baronka iyo bakoze".
"Ingingo za Gumamurugo hamwe n'ibibazo vyubutunzi kw'isi biramaze kwiha inkumbi.
"Akagorane gato gusa gashobora gutuma ibintu biyangara. Ni ngombwa ko dukorera hamwe kugira ngo duhagarike ingaruka mbi z'iki kiza".
Mu ntango z'uku kwezi, PAM yamenyesheje ko yari igiye gucamwo kubiri imfashanyo isanzwe itanga mu bice vya Yemen bigenzurwa n'abarwanya ubutegetsi vyasinzikajwe n'intambara kubera ikibazo c'amafaranga.
Yavuze ko abasanzwe batanga imfashanyo bazihagaritse kubera bari bafise amakenga ko abarwanyi ba Houthi babuza izo mfashanyo gushikira abo zigenewe.
PAM isanzwe ifasha abantu barenga imiliyoni 12 ba Yemen buri kwezi, ibice 80% muri bo bakaba bari mu burere buri mu minwe y'abarwanyi b'aba Houthi.
Igihugu ca Yemen catangaje umuntu wa mbere yanduye coronavirus mu ntango za kuno kwezi, abagiraneza bakagabisha ko mu kanya gato cane iyo ndwara ishobora kurengera ubushobozi bwo kuvura ico gihugu gifise busanzweatako bwifashe.










