Inzige ziharugwa mu miliyaridi zigendera hamwe ari nyinshi muri Afrika y'ubuseruko

Yatangajwe

Inzige ziharugwa mu miliyaridi zikwiragiye mu bice vya Afrika y'ubuseruko hamwe no mu bumanuko bwa Aziya zikaba arizo zabonetse kubwinshi zigira hwame ari nyinshi muri iyi myaka 25 yo muri iki kinjana, zigasubiza inyuma umwimbu zinabangamira imibereho y'abanyagihugu.

Umugabo akoresha inkoni mu kwirukana wenyene inzige nini zo mu bugararwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kenya: Umugabo ariko aragerageza kwugwanya ari wenyene urukurikirane rw'ingize zo mu bugaragwa zikwiragiye hafi y'igisagara ca Nanyuki mu ntara ya Laikipia
Abagabo bariko baragerageza kwirukana inzige

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abagabo bariko baragerageza kwirukana inzige ziriko ziguruka ikirere co mu karere ka Lemasuni mu ntara ya Samburu, muri Kenya

Inzige zisanzwe zirya ibifungurwa bihuye n'ibiro vyazo umusi ku musi, zigwira ku bwinshi mu gitigiri, aho zishobora kuba zikuvye gushika ku ncuro 100 mu kwezi kwa 6.

Haraboneka inzige zo mu bugararwa zikiri nto hamwe n'abantu bazitegereza aho ziri ku giti

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu bariko baraba umugwi musha w'inzige zo mu bugaragwa zikiri nto, zibonekeza ku giti kiri hafi y'igisagara Archers Post mu ntara ya Samburu

Mu kwezi kwa mbere, igisata ca ONU casavye amafranga imiliyoni 76 z'amadolari yo guhangana n'ico kibazo.

Urugero rw'ayo mafranga rwaduze ku miliyoni 138 y'amadolari.

Umugabo agendagenda ikibanza kirimwo inzige mu karere ka Kyuso, muri Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuntu atembera mu nzige mu karere ka Kyuso, muri Kenya

Ariko gushika ubu imiliyoni 52 z'amadolari gusa nizo zimaze kuboneka, harimwo izishika 10 zashitse muri iyi ndwi zitanzwe n'ikigo c'umugwizatunga ruhebwa Bill, bita Bill and Melinda Gates foundation.

Abasirikare bapompa umuti wica udukoko ku biti

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Leta ya Uganda kiriko gipompa umuti wica udukoko ku biti muri Otuke

Ibice vyageramiwe gusumba ni Afrika y'ubuseruko na Yemen, hamwe n'ibihugu vyo mu kigobe, Irani Pakistani n'Ubuhindi.

Ibiti bibiri vy'intete z'amasaka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kenya: Igiti cashoyeko intete z'amasaka cariwe n'inzige mu ruhande rw'iburyo rumwe, impande yaco hari ikindi ataco cabaye i Nairobi muri Kenya
Imigwi y'inzige zitunzwe n'ibiti vy'ibiyoba bimerera hejuru

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imigwi y'inzige itunzwe n'ibifungurwa biva ku biti vy'ibiyoba bimerera hejuru, abarimyi babayabaye ahanini basanzwe bakuramwo ibifungurwa n'amafranga

Mu gihe ca vuba, inzige zarabonetse muri Republika ya Demokrasi ya Kongo kandi imigwi yazo yarongeye ishika muri Koweit, Bahrain, Qatar hamwe no ku nkengera z'igihugu ca Irani.

Umusirikare ariko arategura ibikoresho vyo gupompa ku vyimburwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'igihugu ca Uganda ariko arategura ibikoresho vyo gupompa udukoko mu karere ka Kitakwi.
Umusirikare w'igihugu ca Uganda apompa ibiterwa akoresheje umuti wica udukoko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'igihugu ca Uganda ariko apompa umuti wica udukoko mu karere ka Otuke

Gupompa mu bibanza hamwe no mu kirere vyabonetse ko ari uburyo bufasha cane mu kwirukana imigwi y'inzige.

Ariko uwujejwe ikigo gikurikirana inzige zo mu bugaragwa muri Afrika y'ubuseruko Stephen Njoka yabariye BBC ko indege yafashije gato.

Yavuze ko igihugu ca Etiyopiya kiriko gikoresha indege 5, Kenya nayo 6 mu gupompa umuti wica udukoko hamwe no kugenzura muri iki gihe.

Umukenyezi afise icupa rya plastike ryuzuyemwo inzige

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Uganda Umukenyezi afise icupa rya plastike ririmwo inzige mu karere ka Lupei, muri Uganda.

Ariko leta ya Kenya ivuga ko ikeneye indege 20 zo gupompa umuti wica udukoko - hamwe n'iyindi miti yo kubandanya bongereza iyica imibu bokoresha, bita Fenitrothion.

Umusirikare afise mu minwe agakoko k'inzige

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'igihugu ca Uganda afise mu minwe agakoko k'inzige mu karere ka Otuke
Agakoko k'inzige yo mu bugaragwa kari mu minwe y'umuntu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agakoko k'inzige yo mu bugaragwa kari mu minwe y'umuntu, muri Katakwi

Kenya imaze kwigisha abantu barenga 240 bava mu bihugu vyashikiwe n'inzige zo mu bugaragwa, aho biga gukurikirana ibijanye n'ingene zigendera hamwe ari nyinshi.

Umugabo ariko yirukanga mu migwi y'inzige

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Nairobi: Umugabo ariko yirukanka mw'ishamba rikwiragiyemwo imigwi y'inzige zo mu bwoko bwo mu buragaragwa mu karere ka Enziu, mu ntara ya Kitiu nko ku bironetero 200 mu Buseruko bwa Nairobi

Leta y'Ubushinwa yamenyesheje mu kwezi kwa 2 ko igiye kurungika umugwi w'abahinga mu gihugu kibanyi ca Pakistani gukomeza imigambi yihwejwe neza yo kugwanya inzige.

Amakuru atangwa avuga ko, hashobora kurungikwayo imbata ibihimbi 100.

Umugwi ukwiragiye hamwe hirya no hino mw'ibarabara

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imigwi y'inzige ikwiragiye mw'ibarabara rikuru ryo mu kigwati ca Lerata hafi ya Archers Post, hafi ku birometero 300 n'uburaruko bwa Nairobi
Umuntu wo mu karere yereka inzira ingenzi yujuje mu minwe inzige zapfuye zo mu bwoko bwo mu bugaragwa

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umuntu wo mu karere yereka inzira ingenzi yujuje mu minwe inzige zo mu bwoko bwo mu bugaragwa zapfuye mw'ishamba cimeza rya Isiolo mu buraruko bwa Kenya.

Lu Lizhi, umushakashatsi wo hejuru wo kuri Kaminuza ya Zhejiang ijejwe ubuhinga bw'uburimyi yabariye ikinyamakuru Bloomberg ko imbata ari ibinyabuzima bikora nk'ibigwanisho ku nzige.

Yavuze kandi ko mugihe inkoko zishobora kurya inzige 70 ku musi, imbata imwe yoyo ishobora kurya izikuvye izo incuro zitatu.

Yabariye ikinyamakuru c'Ubushinwa ko kubera imbata zikundana mu mugwi, bituma vyoroha kuzikurikirana kurusha inkoko.

Umusirikare w'igihugu ca Uganda apompa ibiterwa akoresheje umuti wica udukoko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'igihugu ca Uganda ariko apompa umuti wica udukoko mu karere ka Otuke

.