Covid-19 mu Rwanda: bamwe barashima ingingo ya Gumamurugo, abandi bati turanizwe

Yatangajwe

Leta y'u Rwanda yaraye ifashe ingingo yo kwongereza ikiringo c'uguhagarika ubuzima busanzwe (lockdown) gushika ku wa 30 z'uku kwa kane, mu ntumbero yo kuzibiria ikwirakwira rya wa mugera coronavirus.

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda bimenyesha ko iyo ari ingingo yafashwe n'inama nshikiranganji yari irongowe na Perezida Paul Kagame aciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Gushika ubu, u Rwanda rumenyesha ko abamaze kwandura umugera wa coronavirus ari 143, muri bo 65 bamaze kuwukira.

Iyo ngingo itangajwe hari hasigaye umunsi umwe gusa ngo ikiringo c'indwi zine kirangire kuva leta y'ico gihugu ifashe ingingo yo guhagarika ubuzima busanzwe.

Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ico gihugu, yatangaje ko hari abandi bantu bashasha batanu banduye coronavirus, mu bipimo 760 vyafashwe.

Ingingo za Gumamurugo zaragize ingaruka mbi ku mibereho y'abanyagihugu babayabaye batunzwe no kubona amaramuko iyo bakoze ku munsi.

Baciye ku rubuga rwa Facebook rwa BBC Gahuza, bamwe muri bo babona ko bagiye gupfira mu ngo kubera ataco baronka bashira ku munwa, bakabona ko leta yari ikwiye gufata izindi ngingo zokworohereza abantu kubandanya bakora imirimo ibabeshaho.

Nderabakura Jean Bosco ati: "Ariko se bafashe izindi ngamba zitari ukugumisha abantu mungo, bagafata abaganga bakajya mu ntara bagahera ku murongo bapima abo basanze barwaye bakabashyira mu kato twe bazima tugakomeza akazi".

Na we Hanyurwa David Becks Ntakiyimana ati: "Nta kwicwa n'inzara ngo uri kwirinda sha ntibakabeshye, nonese izo mfashanyo zibiribwa na za miliyari bari guhabwa ziri kujya he, tujye dutekereza aho kudufatira imyanzuro ntawe bagishije inama kuko abayifata barifite, ngomba gushaka icyo kurya nkiriho sinzagisha narapfuye".

Hagati aho, abenshi barashima iyo ngingo bavuga ko zifatwa ku neza y'igihugu, bagasaba bagenzi babo kwihangana, bagakurikiza amabwirizwa bahabwa ku neza yabo.

Yishura ku bariko banegura iyi ngingo, Ancille Irène Uwimana avuga ati: "Kuki koko ? Abantu yuzanyurwa n'iki? Iyo mubona ibihugu bya rutura birira ayo kwarika, ngo wakwicwa na corona? Iyaba yica umwe ariko ntiyice igihugu cyose, tujye dushira mu gaciro, dutereze no kubyiza abayobozi bacu batwifuriza…".

Ruhigira Charles agira ati: "Njyewe ndemeranya na bo rwose ,kuko ikicyorezo kimeze nabi ahubwo Banyarwanda tugume murugo turebeko twazaririmba insinzi iwacu ntamuntu numwe utuvuyemo, naho inzara irihose Ku 'Isi, kndi ndakekako ntamuntu murwanda uzicwa n'inzara pe, yego tuzasonza,tunanuke arko ntabwo tuzapfa".

Na we Jimmy Fox ati: "U Rwanda n'isi muri rusange turi mubihe bitoroshye bisaba kwihangana, gukurikiza amabwiriza ya leta ni kuneza yacu… amagara aruta amagana!!"

Leta y'u Rwanda ivuga ko izobandanya kugoboka abakozweko n'izi ngaruka muri ibi bihe bidasanzwe, gusa abakeneye gufashwa biboneka ko ari benshi ugereranije n'imfashanyo itangwa.

Abantu barenga imiliyoni 2.2 kw'isi yose bamaze kwandura uwu mugera nk'uko bitangazwa na kaminuza y'ubushakashatsi ya Johns Hopkins.

Ikigo c'umuryango w'ubumwe bwa Afurika gishinzwe kurwanya indwara z'ivyaduka kivuga ko muri Afrika abantu bashika 19.000 bamaze kuwandura, nayo abashika 970 bakaba aribo bamaze kumenyekana ko yabahitanye.