Saint Valentin: woba uriko urondera umukunzi ku mbuga ngurukanabumenyi? Ng’izi inzira indwi zogufasha

Ni vyiza ko winjira muri App y'ukuresha ... Ariko wumve neza ko koko wipfuza kurondera umukunzi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ni vyiza ko winjira muri App y'ukuresha ... Ariko wumve neza ko koko wipfuza kurondera umukunzi
Yatangajwe

Woba ufise irungu ry'uko udafise uwo mukundanye kuri uno munsi w'abakundana mu gihe wipfuza uwogushikira aho utihamvya?

Bivugwa ko hafi imiliyoni 240 z'abantu kw'isi baja ku mbuga ngurukanabumenyi barondera abakunzi, ariko woba uzi ko atari bose bagira amahirwe yo kumuronka?

Zoe Strimpel mu gitabo ciwe, The Man Diet, hamwe n'umuhanuzi mu vyerekeye urukundo, Suzie Heyman, barakwereka ingene wobigenza kugira ngo ushobore kuronka uwo wipfuza, agushika ku mutima.

1. Nturondere kuresha utavyiyumvamwo

Ica mbere: Nturondere kuresha utavyiyumvamwo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ica mbere: Nturondere kuresha utavyiyumvamwo

Mu gihe utavyiyumvamwo, heba! Mu gihe umuntu utamwiyumvamwo, ntukipfuze n'ugusubira kumubona.

"Kurondera kwigerezako ni bibi cane" - bidutuma ducike intege, bigatuma turuha, bikanatuma twiyumva nabi canke tukabona nabi abandi.

2.Iyemere uko uri

Mu gihe utavyiyumvamwo canke wumva ko utizeye uwo uriko uraresha - fata ingingo vyihuta

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu gihe utavyiyumvamwo canke wumva ko utizeye uwo uriko uraresha - fata ingingo vyihuta

Ubonye hagumye, ubifate nka nkama.

Usanga abantu bashaka kwiyumvira bati: 'Ni jewe nihenze'. Ariko usanga bishobora kuva ku bandi.

3. Ivyigwa biherutse gukorwa vyerekana ko nimba hoba ukwandikiranira ubutumwa, vyiza vyokorwa gake

Kora ibifise akamaro - irinde ingwizamurongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kora ibifise akamaro - irinde ingwizamurongo

Kuvugana n'abantu amajana n'amajana umwanya umwe bizotuma uruha ningoga.

Hebera umwanya abafise ishaka ryo kuvugana na wewe - barya ubona ko hashobora kugira ikivamwo.

4. Kuresha harimwo n'ibiharuro - tumbera harya ubona abantu benshi!

Ufise amahirwe menshi yo kuronka uwo mukundana mu gihe ukikijwe n'isinzi gusumba uko wokwitaramura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ufise amahirwe menshi yo kuronka uwo mukundana mu gihe ukikijwe n'isinzi gusumba uko wokwitaramura

Reka gushaka kwinyegeza - tumbera harya hari abantu benshi.

Kuresha ni urugamba rutoroshe - rero nimba wipfuza gutsinda urugamba utegerezwa kururwana. Nturondere kwiyorohereza mu gushaka gufata inzira ya hafi. Ntayibaho!

5. Banza urondere abagenzi

Mu kurondera umukunzi, kugira abagenzi benshi ni ikintu gikomeye cane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu kurondera umukunzi, kugira abagenzi benshi ni ikintu gikomeye cane

Imigenderanire myiza rimwe na rimwe iba mu gihe mwatanguye kuba abangenzi, mu nyuma ukabona kuronderamwo urukundo.

Ariko n'aho bimeze uko, urashobora kuronka uwuzokubera umukunzi mwiza umweretswe n'uwundi mugenzi.

6. Gerageza kwiyorosha

Abagenzi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kumbure ufise kuba wibaza ko uzi neza ivyo ukunda ariko…

Mu gihe ata bagenzi benshi ufise, ushobora kuburiramwo n'umuntu agushika ku nyota.

7. Ube maso kandi ukoreshe ubwitonzi

Urukundo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kurehereza ku mbuga ngurukanabumenyi urashobora kuronka umukunzi nyawe, ariko ntiwibagire gukora amatohoza kugira ngo ushobore gufata ingingo yo nyayo

Ingorane nyamukuru yo kurehereza ku mbuga ngurukanabumenyi ni uko mutaba muzinanye amaso mu yandi, vyumvikana ko mutazinanye. Ihutire kumubwira ico wipfuza.

Mu gihe uzoresha maze uwo usavye ko mukundana akihutira kugusaba amahera - canke akaba wa wundi muhana amasezerano ntayubahirize, akigira mu vyiwe aguhendesha ibi na biriya - Ca uhagarika imigenderanire ningoga na ningoga.

Ntuze wigere wemera gukundana n'umuntu atagukunda.