Burundi: BRB yugaye amashirahamwe agurisha amafaranga

Umuntu azokwerekana ishirahamwe rizogura rikagurisha amafaranga y'agaciro hatisunzwe iitegeko rya BRB aho azoronswa ibihumbi 500 vy'amafaranga y'amarundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuntu azokwerekana ishirahamwe rizogura rikagurisha amafaranga y'agaciro hatisunzwe iitegeko rya BRB aho azoronswa ibihumbi 500 vy'amafaranga y'amarundi
Yatangajwe

Ibanki Nkuru y'Uburundi, BRB, yaraye ifashe ingingo yo kwaka impusha amashirahamwe yose acuruza amafaranga y'agaciro yari asanzwe yemewe.

Mwitangazo ryasohowe n'umukuru w'iyo banki, Ciza Jean, avuga ko iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro mu ndwi iza, igenekerezo rya 15 z'uku kwa kabiri.

Yagiriza ayo mashirahamwe ko atashoboye gukurikiza ibiri mu rwandiko rwerekana ingene amafaranga mvamakungu avunjwa, ivyo ngo bikaba vyaragize ingaruka mbi ku butunzi bw'igihugu.

Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, ibanki nkuru y'igihugu, BRB, yasohoye itegeko rishasha rigenga urucuruza rw'amafaranga mu ntumbero y'ukurwanya abikika mu kiza bakagura bakanagurisha ku biciro vy'umurengera amafaranga y'agaciro.

Muri iryo tangazo, Bwana Ciza ategeka abafise amazu yo kugura n'ukugurisha amafaranga y'agaciro gukuraho vuba na bwango ivyapa n'ibindi bimenyetso biyaranga.

Amenyesha ko kuva ubu, amazu yemerewe kugura n'ukugurisha amafaranga mvamakungu ari ayegukira amabanki.

Mu rwandiko rwasohowe ku wa 15 z'ukw'icenda umwaka uheze wa 2019, buri shirahamwe ryategerezwa kuvunja amafaranga ryisunze igiciro cashinzwe n'ibanki nkuru y'igihugu "ritarengeje inyungu y'ibice 15%".

Iyo ngingo isa n'iyagoranye gushira mu ngiro, ari co catumye mu kwezi kwa 11 umwaka uheze, BRB isohora itangazo, aho yagabisha ko amashirahamwe n'amazu acuruza amafaranga y'agaciro adakurikije amategeko azofatwa nk'ayahungabanya umutekano w'igihugu.

Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu bimwe bimwe vyahora bifasha u Burundi vyahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco, bituma kandi amafaranga y'agaciro akena.