Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Vanessa Nakate: uyu aharanira ibidukikije ariyamiriza ivanguramoko avuga ko yakorewe kw'isanamu
Umugandakazi aharanira ibidukikije, Vanessa Nakate, yagirije ibinyamakuru bimwe bimwe ko bikora ivanguramoko inyuma y'aho akuriwe kw'isanamu yafashwe ari kumwe na bagenziwe b'abazungu mu gisagara ca Davos.
Mw'ireresi yasohoye akorora n'amosozi, uyo mwigeme Nakate avuga ko ari bwo bwa mbere mu buzima bwiwe atahuye "ico ari co ijambo ivanguramoko".
Nakate avuga ko ibinyamakuru "bitari bike", harimwo na Associated Press, vyamukuye ku masanamu vyakoresheje mu makuru yavyo.
Ikinyamakuru Associated Press kikaba caciye gisubiriza iyo sanamu cari camukuyeko, kivuga ko "batabikoze bafise intumbero mbi".
David Ake ajejwe igisata c'amasanamu muri ico kinyamakuru yavuze ati: "Uwashizeko iyo sanamu yariko asiganwa n'umwanya amukurako ashaka ko inyubakwa yari inyuma y'iwe itaboneka kuko yashobora gusamaza".
"Tumaze kwongeramwo ayandi masanamu mu nkuru - ivyo dusanzwe dukora iyo turiko dusiganwa n'umwanya - twaciye dushiramwo ayandi masanamu akozwe mu buryo butandukanye".
None vyagenze gute?
Nakate yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru nijoro ku wa gatanu mu gisagara ca Davos ari kumwe na bagenziwe bakorana mu guharanira ibidukikije, aribo Greta Thunberg, Loukina Tille, Luisa Neubauer na Isabelle Axelsson.
Mu nyuma niho yerekana inkuru yanditswe n'ikinyamakuru Associated Press irimwo isanamu bamukuyeko.
Mw'ijambo uyo mwigeme w'umugandakazi yashikirije akoresheje ireresi yacishije ku rubuga rwa Twitter, yagirije ibinyamakuru ivangura rishingiye ku rukoba.
Yavuze ati: "Iyo siyo mpembo dukwiriye. Afrika siwo mugabane urekura ivyuka vyonona ikirere, ariko ni twebwe dusinzikajwe n'ihindagurika ry'ibihe… gufuta amajwi yacu ntaco bizohindura. Kuzimanganya amakuru y'ivyacu ntaco bizohindura".
"Numva mbabaye cane. Isi imeze nabi rwose".
Uyo mwigeme w'imyaka 23 avuga ko "ata kinyamakuru na kimwe cigeze kimusaba imbabazi canke kimwisigurako" inyuma y'aho Associated Press ikuriyeko iyo sanamu igashirako iyindi ariko.
Iyo reresi yarabwe n'abantu bashika 40.000 yongera ikwiragizwa n'abantu amajana n'amajana.
Eka na bagenziwe vyabababaje cane aho bifatanije nawe mu mubabaro yari afise.
Thunberg ati: "Ni ibintu bibabaje kubona bakora ibintu nk'ibi...nizere ko ata wundi muntu bizosubira kubako! Turaguteye intege ku gikorwa cawe kandi turi kumwe nawe".
Axelsson yavuze ko ari ibintu bidashobora kwihanganirwa kubona isanamu yiwe bayikata.
Yanditse ati: "Ijwi ryiwe nico kimwe n'iryacu, nimba atariryo rikuru, mu kibanza nk'iki".